IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kigwena : Abaganyi ba kanyanga bafashwe

Kigwena : Abaganyi ba kanyanga bafashwe

dimanche 28 Nyakanga 2014

Amaritiro atari make ya Kanyanga, ingunguru zigera kuri 70 hamwe n’imirongoti 8 yahora ikoreshwa mu gukora inzoga ya Kanyanga vyafashwe n’igiporisi.

Mw’isakwa ryazindutse rikorwa n’abaporisi muri zone ya Kigwena ku musozi wa Cabara, hakaba ariho hafatiwe iyo nzoga n’ibikoresho bikoreshwa mu kuyigana bitemewe n’amategeko. Iyo nzoga isanzwe yiyamirizwa ko iri muyiteza umutekano muke, bikavugwa ko yiraye muri iyo komine ya Rumonge, aho igiporisi kigerageza kuyituza ariko vyanse, bamwe mu banyagihufgu bakagiriza abatware bo hasi ko bari mubafasha kugira ntituzwe.

Abantu bagera kuri batatu bari karuhariwe mu kugana iyo nzoga ndetse bari basanzwe banayidandaza, bakaba bafashwe ubu bari mu minwe y’igiporisi, amaritiro nayo menshi y’iyo nzoga akaba yasheshwe n’igiporisi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.