Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kikwete yahamagawe muri ONU gusigura ibiriko bibera mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kikwete yahamagawe muri ONU gusigura ibiriko bibera mu Burundi

Kikwete yahamagawe muri ONU gusigura ibiriko bibera mu Burundi

mercredi 6 Rusama 2015

Umunyamabanga Mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon, yatumyeko umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Jakaya Kikwete nk’uwurongoye ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko, batange insiguro y’ibiriko bibera mu Burundi.

Nk’uko biri mw’itangazo ry’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, kuwa mbere igenekerezo rya 4 Rusama, Kikwete yari mu gisagara ca New York mu rugendo rw’akazi, yari yagiye gusigurira Ban Ki Moon uko ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko, biriko biravyifatamwo, nico bitegekanya gukora mu ntumbero yo gufasha Uburundi.

Kikwete yamusiguriye ko yamaze kurungika mu Burundi abashikiranganji b’imigenderanire n’amakungu bo mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko, mu ntumbero yo kugiriranira ibiganiro n’abo vyega bose.

Yavuze ati :‘’Inyuma y’urwo rugendo bazoshikiriza icegeranyo n’inzira zo gukurikiza mu ntumbero yo gufasha Uburundi."Yavuze ko abo bashikiranganji bazoheza urwo rugendo mu mpera z’ino ndwi turimwo.

Ibintu bimeze ukwo, mu gihe sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yamaze kwemeza ko, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ashobora kwitoza ku kindi kiringo, ariko abari mu myiyerekano bobo barayibandanya.

Van Naris Mugisha

Messages

  • nibamureke murundi yarahanuye nuko yabariye intabarirwa.

  • Nkuko vyibonekeza muburundi nahandi muri africa, abantu burukoba rwirabura turakwiye gusubizwamwo amashure twiga afatiye kunda. kuko ntakuntu wosigna itegeko canke amasezerano hamejo ukihindukiza kubera inyunguzindi ushaka gushikako. kimwe uwavuzeko turi nkibikoko ntiyihenze nagato! uburundi reka tubwitaburiko kubera ubwina bwubutegetsi. courage kurabo bose badashaka kubabaja bintwaro yigikenye, imana yakire mubwami bwayo abahitanywe nugwo rugamba. Nyakubahwa ban-ki moon na GIKWETE bakwiye kugira icobatereye uburundi butarwa mumanga

  • @NDAVUGASIMVURA
    "nibamureke murundi yarahanuye nuko yabariye intabarirwa."
    None ko haraho muguhanura akoresha umugere wo kunyo vyamugendeye gute ntabigire iwacu ibara ritararwa? Eka nawe nyene n’akarimi nka kamwe ka Mporona!

  • Abarundi ntibibaze yuko PETER atavyo abona burya akabigira kabizi....... nimuheraheze

  • Vraiment Tanzania Nirabe Icifasha Uburundi Nkuko Yamye Iha Ubuhungiro Abarundi.Igisigaye Afrika Y’ubuseruko Ije Hamwe Itorere Inyushu Izi Ngorane Ziri Mu Gihugu C’u Burundi Mu Nzira Zose Zishoboka Hakurikijwe Amategeko.Murakoze!

  • NAGE NDABONAKO IBINTU BIMEZE NABI CANE,ARIKO BIGIYE GUSHIKA KUMUSOZO.
    IBYO AMAKUNGU YA EAC AZODUSABA TUZOVYUBAHIRIZA TESE.

  • Reka Turindire Ibizova Munama Yaba Pres.Bomuri E.A.C Le 13/05 Nizere Kobazosaba Mbere Kobazotegka Pres.Nkurunziza Kuva Kungingombi Yiw Yafash!Atarkuy Navyo;UGUTWI KW.IMPENE KWUMVA KWOKEJE

  • mugabo birakabije ibera muburundi hatoregwe inyishu ikibazo ca barundi peter nakuremo candidature yiwe nuko igihugu kironke amahoro kuko ntabwo azayobora imirambo kuko abantu barashize bicwa nabandi bahunga

  • uravye neza ingene abanyarwanda womengo basigaye bakunda uburundi kurusha abarundi ubwabo, biribonekeza yuko ingorane zirenze izo zibonekeza. abari mumyiyerekano benshi ntibazi iyo baja. nivyo ko ikiringo ca gtatu ca petero ari ikibazo. ariko kiri hagati y’uburundi bwa 2015 n’urwanda rwa 2017, batanguye kwivugisha ngo havutse umurwi muri uganda wishinze kurwanya fdlr yinjiye muburindi urongowe na jean marie. binjiye ryari? kuberiki kavutse ubu, kakamenyeshwa n’abanyarwanda. kubarundi, guharanira démocratie canke gushikiriza ivyiyumviro vyabo kuri ibi canke biriya nti vyari bibi, ariko kuzana ivy’abanyarwanda mungorane z’abarundi, umuntu yokwibaza ko ari umutwe, ariko nukwihenda gukomeye, kuko ntamurundi numwe bizoha amahoro.

  • UBURUNDI UBU BIMEZE GTE MURI RUSANGI?

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.