Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Kim Kardashian afise amahigwe make yo kuvyara uwundi mwana
Kim Kardashian afise amahigwe make yo kuvyara uwundi mwana
lundi 29 Kigarama 2014
Kim Kardashian yaronse inkuru mbi ko adashobora kuzovyara uwundi mwana kandi yabishaka. Bivugwa ko n’umwana wa mbere yamuronse ku gihamana.
Urwandiko rwatanzwe n’ikinyamakuru ’’TMZ’’ ruvuga ko Kim Kardashian afise amahigwe make yo kuvyara uwundi mwana, bitayeko na North (umwana wa Kim wa mbere)yamuronse ku gihamana. Kugira Kim atware imbanyi yavutsemwo North, hari abahinga b’abaganga batatu bari bamukuye ku nzira ko adashobora kuvyara.
Mu gihe yashaka kuvyara umwana wa kabiri, abahinga mu vy’ubuvuzi bamubwiye ko afise amahigwe make yo gukurikiza North. Kim Kardashian afise intuntu kuva abimenye kuko yarafise icipfuzo co kuvyara umwana w’umuhungu n’umukobwa.
Cherif Nkeshimana
Messages
30 Kigarama 2014, 01:45, par Paul Sinzinkayo
Hahahhahahahahahahahahahahahaha @#$%!!!()*
30 Kigarama 2014, 20:24, par Butame
Iyo nkuru ntitomoye ko batavuze igituma yogira amahirwe make!erea ni abaganga si Imana!murumva n’abambere bari bamuhebuje ariko akaba yaravyaye!ni batubwire ubumuga bamusanganye bwotuma atovyara uwundi,mbere babumuvure.
2 Nzero 2015, 08:11, par Mandela
Ivyo jew numva bitumvikana kk sinumva impamvu afise intuntu kandi nuwambere bari bamubwiye kwatazomuronka. Nizer,Imana areke kwizara abantu.