Accueil > Amakuru > u Burundi > Kinindo: Ikigo "American corner" cuguruwe
Kinindo: Ikigo "American corner" cuguruwe
mardi 11 Ruheshi 2013
Ubuserukizi bwa Leta zunze ubumwe za Amerika, biciye k’uwuserukira ico gihugu mu Burundi, Dawn Liberi n’umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama mu Burundi baruguruye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 10 Ruheshi 2013, ikindi kigo « American corner » muri komine Kinindo.
Ico kigo kije ciyongera ku caheruka kwugururwa icese mu bigo vya kaminuza y’Uburundi mu Kamenge, kikaba kizofasha abashakashatsi n’abanyeshure kuko bazohasanga inyabwonko n’ibitabu. Ico kigo kikaba kandi kije kwongerereza ubumenyi no guteza imbere ururimi rw’icongereza.
Twobamenyesha ko mu kiringo ca vuba hazokwugururwa ikindi kigo "American corner"mu ntara ya Gitega.
Egide Nduwimana
Messages
15 Nyakanga 2016, 15:17, par Muzuri jospin
bonjour ! j’ai besoin de savoir quelqu’un qui n’est pas burundais peut aussi venir à l’American coner pour faire ses recherches scientifique. est- ce qu’il peut avoir accès aussi?