Accueil > Amagara y’abantu > Kirundo : Abanyagihugu bariko baratahura umugambi wo kuvyara ku (...)
Kirundo : Abanyagihugu bariko baratahura umugambi wo kuvyara ku rugero
dimanche 25 Myandagaro 2013
Abanyagihugu bo mu ntara ya Kirundo, bariko barijukira umugambi wo kuvyara ku rugero, ndetse bakavyara abo bashoboye kurera. Imiryango itari mike rero, ikaba itahura akamo iterwa n’abategetsi ko kuvyara abana bake bashoboye kurera.
Ubukene, itituka ry’isi ndimwa n’iduga ry’agaciro k’ibinyu vya nkenerwa biri mu bituma imiryango myinshi biyigora kurera abana baba baravyaye. Ivyo bigatuma usanga abana bahunga ubukene buri mu miryango bakaja gusabiririza mu ntara za kure, aho bamwe baja mu za Ngozi, Gitega. Kayanza ndetse na Bujumbura.
Kuvyara ku rugero kandi kuvyara abana umuntu ashobora kurera, biratuma umuvyeyi agira amagara meza kuko umwitwarariko w’ivyo ataba ari bushobore uba ari muke. Ikindi abana baraheza bakagira akanyanuneza, narirya baba bakabona mu muryango, kandi bakanezerwa iyo babona batabura ico bafungura, canke ngo barware maze ntibavuzwe.
Mariya Nimenya, umukenyezi wo muri komine Kirundo, ahanura abakenyezi bagenzi we ndetse n’abo bubakanye muri rusangi, kutavyara abo umuntu atari bukurikirane, atari butegurire na kazoza. Agasaba Leta ko yokora ibishoboka vyose kugira irwize inyigisho mu banayagihugu mu ntumbero yo kubakebura ngo bavyare abo bashobora gutunga.
Aristide Nizigire