Accueil > Amakuru > Poritike > Kirundo : Abanyamigambwe basabwa kureka kuryana bapfa poritike
Kirundo : Abanyamigambwe basabwa kureka kuryana bapfa poritike
samedi 23 Myandagaro 2014
Buramatari w’intara ya Kirundo ahamagarira abanyamigambwe kwubahana n’abo badasangiye ivyiyumviro vya poritike, mu nama yagiranye n’abarongoye amakomine yose y’iyo ntara, bari kumwe n’abakuru b’imigambwe ikorera mu Kirundo.
Reveriyano Nzigamasabo akaba yavuze ivyo, mu gihe intara ya Kirundo imaze iminsi yabaye nk’iciro ry’umugani ku kutihanganiranira mu vyaporitike. Buramatari Nzigamasabo akamenyesha ko kudasangira umugambwe canke abadasangiye ivyiyumviro vya poritike badaca bacika abansi. Iyo ntara ya Kirundo ikaba yaravuzwe cane muri izi yinga zibiri turangije. Ivyavuzwe cane, akaba ari amazu atanu y’Abadasigana ba UPRONA bivugwa ko bashigikiye umushingamateka Karori Nditije yaturiwe aratokombera, co kimwe n’iyindi y’umunywanyi w’umugambwe CNDD-FDD, nayo umunywanyi w’umugambwe Frodebu Nyakuri nawe, akaba yarakubiswe ahakwa gukurwayo ijisho.
Muri iyo ntara ya Kirundo rero ukutihanganiranira mu vya poritike kukaba kwibonekeza hagati y’umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri na CNDD-FDD, hamwe n’umugambwe w’Abadasigana UPRONA na CNDD-FDD.
Aristide Nizigire
Messages
24 Myandagaro 2014, 15:32, par mukobwajana
MBEGA ABO BASHONJI MWUMVA BAPFA IKI!!!??nTIBARABONA KO ABO BAHUTU BABO BARONSE BABARIRA KO ?BARASHAKA BATORE MINANI WABO WE AMAZE GUHAGA ASHOBORA KUBAHAKO ..EWE BAHUTU MWARAGOWE MBE KO MBONA MUGUMA MUHIGANA NONE NICO MWAGIRIYE MW ISHAMBA????NDAZI KO ATARI ICO...