Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kirundo : Abayoboke 16 ba Rwasa Agathon batawe muri yompi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Kirundo : Abayoboke 16 ba Rwasa Agathon batawe muri yompi

Kirundo : Abayoboke 16 ba Rwasa Agathon batawe muri yompi

lundi 14 Ntwarante 2016, par egide

Abayoboke 16 ba Rwasa Agathon icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, kuva kuri uwu wa gatandatu bapfungiwe mu gasho ka komine Busoni. Bagirizwa ko bafashwe bariko bagira inama itazwi kandi itemewe n’amategeko.

Mu gihe bavuga ko bariko bivuna inyota muri kamwe mu kabare ko muri komine Busoni, abo bayoboke ba Rwasa Agathon babonye abaporisi benshi bari kumwe n’urwaruka rwo mu mugambwe uri ku butegetsi babashwaramwo, babagiriza ko bariko bakora inama yo mu kinyegero. Baragerageje gusigura ko bariko bivuna inyota muri ubwo bunywero, ariko igiporisi kikaba cafashe ingingo y’ukugenda kibatwaye.

Mu giporisi mu ntara ya Kirundo bavuga ko abo bafashwe bagirizwa ko bateguye, bongera bakora inama mu kinyegero, bakaba bose bapfungiwe mu gasho ka komine Busoni.

Mu giporisi bavuga ko amatohoza kuri abo bafashwe yamaze gutangura.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.