Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kirundo : Amashengero avuka uko bukeye uko bwije - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Kirundo : Amashengero avuka uko bukeye uko bwije

Kirundo : Amashengero avuka uko bukeye uko bwije

lundi 6 Gitugutu 2014

Mu ntara ya Kirundo havugwa amashengero aguma avuka uko bukeye uko bwije, ayo nayo akaba ageze ndetse n’aho usanga amwe asa n’ayegeranye.

Amasengero agera kw’icumi ari muri quartier imwe gusa nk’uko aya makuru tuyakura mu Kirundo abivuga. Quartier ya Bushaza iri ku murwa mukuru w’iyo ntara, ikaba ari iya mbere ifise amashengero menshi muri iyo komine ya Kirundo, ayagera kw’icumi niyo ahubatswe. Abatari bake bakavuga ko mu minsi uzosanga abasenga badashobora kwumvikana, hamwe hoguma hubakwa amashengero menshi ku gasozi kamwe kandi yegeranye, ivyo bikazoshobora kujuragiza abanyagihugu.

Ariko rero bamwe mu bakozi b’Imana bakaba basaba ko amategeko yo kwubahiriza, hakaba imetero zigabura ishengero n’irindi kugira bamwe bariko barasenga ntibasamazwe n’amasengesho y’abandi. Mukamenya ko Amashengero rero Eglise libre methodiste, new life, bon berger, eglise du rocher, eglise vivante n’ayandi ari kuri uyo musozi gusa. Eka n’ayandi bikavugwa ko ariko arubakwa.


Aristide Nizigire

Messages

  • IYO QUARTIER IRIMWO INCABWENGE NIBAJE HAMWE BAVYANKE ..EREGA ABATABIZI BAMENYE KO UBU AMASHENGERO ARIMWO AKAJAGARI KADASANZWE...NGO BICIRE AMAHERA KU MITIMA IRUSHE ..BAKENYEZI UZI KO MUKARIRWA MURIMA AMATWI AYO MASHENGERO

  • IYO QUARTIER IRIMWO INCABWENGE NIBAJE HAMWE BAVYANKE ..EREGA ABATABIZI BAMENYE KO UBU AMASHENGERO ARIMWO AKAJAGARI KADASANZWE...NGO BICIRE AMAHERA KU MITIMA IRUSHE ..BAKENYEZI UZI KO MUKARIRWA MURIMA AMATWI AYO MASHENGERO

  • mwese mumbwire, mbe isengero n’akabare igitera akajagari ni icahe? burya ugerageje kuraba kubiharuro vyo muri BRARUDI usanga KIRUNDO iza muntara zambere! none kuki batiyamiriza utubare bakanka amasengero ataco arimwo yonona! uwushaka kugira ico apfa n’Imana najeko apinge nayo. kimwe gusa mureke bisengere kuko ababirwanya abo ni abansi b’intara yacu! murakoze

  • Accomplissement des prophéties!!!!!

  • KOMUVUGA NGWAMASHENGERO NAGABANUKE KUKO NGUMUTEKANO WOHAVA UZOHUNGABANA KUBWUKWERANA HUUUUUU TESHWA MUTE BACA UMUGANI NGO INKOMANGA YIKETSE KWIZOTWAGWA NAKOMUNDA ARIKO YAHITANYWE NAKO MUMUTWE ABO IGIKOGWA CABO NUGUSABA AMAHORO Y’IMANA MUBANTU KANDI NANYAMANA IKABUMVA NONE YOCA IBAHA IBUYE BASAVYE UMUTSIMA? TUJE KUBUBARE BWOGUTE KOMBONA BUTAVUGWA NABWO BUNAGWIRA CANE ABO BARONGOZI BARABE NEZA IVYO BASABA NTIBABISHIRE MUMUBIRI KUK MUMUBIRI BAHAVA BICURA GUTWARANA ABAKRISTO BARONGOZI MWE BAMASHENGERO ABAKRISTO NIBAVA IWAWE BAKAJA AHANDI BIZERA KRISTO NKUMWAMI NUMUKIZA NTUBABARE KUKO AZOBA AVUYE KWAKRISTO AGIYE KWAKRISTO NYENE KIMWE UWUTATAHUYE ABA ABAYE UWO YIRONGOYE AKIBAGIRA AHO YAHAMAGARIWE GUKORERA BAKIRISTO BOMUMASHENGERO AMASHENGERO YOSE NAHO MUGOMBA KUYAHETURA YOSE MUMENYE SANYU MUGABO YOSE NAYAKRISTO GWAWE NIRYO KRISTO YAGUHAMAGARIYEMWO NDAVUGA ARIKO SIKO MVURA KUK NANJE NDUMUNTU

  • kunwa itabi n icaha kandi basihinze umusi wamabiterwa n itabi kandi na reta ikabibuza niryari reta irata amatabi ari muma boutique ?abo mubahoriki .YESUati."nuko nimugende." gusa nibase dashwana

  • BIVAKUKUBABASHAKA.KURONDERAMAHERA

  • Ukwo Si Ugusenga Ni Ukudandaza.

  • JEWEBINTERUBWOBA KUBONAU MUNTUWE SE AGOMBA GUSHINGA ISHENGERO DYIWE IVYIMANABABIHINDUYENKMUKINOWIMIGABWE NKUMUKOZIWIMANA AKAMAAVUGAKO IMAANAIRIMWISHENGERO DYIWEGUSA NONEAHANDI NTAYIHARI BAKWOYEGUHAGARIKA KUGUMABONGERE ZAAMASHENGERO NIBAZEDUHURIRE KUMUSOZI UMWE DUHAMAGARIMANA IDUTABARE NKAKUDYA ABISIRAYERIBAHORABAGIRA

  • Vyari vyiza kubaka ingoro zimana nuko bazegeranije ahubwo nibagire distance ingana ni metero 100 Kugira ntibaze baterane akajagari mugihugu ntawo babuza kuko numuhamagaro w’Imana amen.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.