IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kirundo : Imvura yamaze iminsi itanu yononye amatuta y’ivyamwa

Kirundo : Imvura yamaze iminsi itanu yononye amatuta y’ivyamwa

jeudi 24 Ndamukiza 2014

Imvura yaguye mu ntara ya Kirundo yarononye imirima y’abakenyezi b’abapfakazi bari bishize hamwe kugira barwanye ubukene. Mu gihe umusozi waguye ku matuta y’ivyamwa bari bazeyemwo uburamuko, basaba abagira neza kubagarukirako.

Kuva ku munsi wa gatanu w’indwi yaraye iheze gushika kuwa kabiri, imvura y’urutavanavanako yaguye mu ntara ya Kirundo yarononye imirima mu myonga yo ku mitumba ya Rugero, Rupfunda na Kavogero. Amazu atari make yaratewe n’amazi, inkukura nayo ivuye hejuru muri Kinyinya na Nyangebushaza iheza yisuka mu myonga. Amatuta y’ivyamwa yarasenyukiweko n’umusozi. Abapfakazi bari bishize hamwe kugira barwanye ubukene ubu bari mu kangaratete, bagasaba ko ubuhinga bw’uguca imivo bwokwongerezwa kugira ayo mazi ava hejuru akisuka mu myonga ntasubire gutwara imirima yabo.

Abo bakenyezi b’abapfakazi basaba kandi abajejwe intwaro ko bobashumbusha, ivyo bakabivuga bisunze ko ata yandi mikoro bafise, nk’uko babimenyesha. Abajejwe intwaro bobafasha kudodora ku bagira neza kugira babagarukireko.


Egide Nduwimana

Messages

  • Za bonerakure zaba DD zizi kwica gusa nagira nivura boyikinga ?ariko nibaza kobobo ataco ibononera ?ngira yononona ivya ba ADC gusa ncanke DD irabafasha kugirA igihuhusi ntikingwe?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.