Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Kirundo : Indwara zo gucibwamwo zirabangamiye amagara y’abantu
Kirundo : Indwara zo gucibwamwo zirabangamiye amagara y’abantu
lundi 16 Kigarama 2013
Indwara zo gucibwamwo, ziri mu ndwara zituma abantu bitaba Imana ku bwinshi mu ntara ya Kirundo, kuko iyo ndwara igira gatatu havuye indwara za malariya hamwe n’imigera iturutse ku guhema nabi nk’uko bimenyeshwa na muganga Alphonse Nkunzimana, arongoye akarere k’amagara y’abantu mu ntara ya Kirundo.
Muganga Nkunzimana akaba yamenyesheje ivyo, mu gihe hariko hahimbazwa indwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo kw’igenekerezo rya 16 Kigarama uyu mwaka. Indwara z’ugucibwamwo rero zikaba zibangamiye amagara y’ibibondo mu gihe hari abavyeyi muri iyo ntara batitabira bihagije urucanco rw’indwara zo gucibwamwo, rutangwa kuva ku mwana w’ukwezi kumwe gushika ku mwana w’amezi atanu.
Ikindi gituma izo ndwara z’ugucibwamwo zibangamira amagara y’abana aho mu Kirundo, akaba ari amazi y’inzuzi abanyagihugu bakoresha. Mu gihe iyo ntara ikikujwe n’inzuzi eka n’ibiyaga bitandukanye, abanyagihugu bo mu makomine nka yose y’iyo ntara ya Kirundo bakaba bakoresha nyamazi batayatetse. Ayo nayo, akaba aba arimwo imigera y’indwara zitandukanye, imigera ishobora gutera indwara z’inzoka, zinahitana amagara y’abanyagihugu.
Ubukene bw’amazi ya Rusengo rero muri iyo ntara ya Kirundo, bukaba bugisibije nk’uko n’abanyagihugu bavyivugira. Ariko bagasabwa ko bobanza bagateka amazi imbere y’ukwo bayanywa, mu ntumbero yo kwica imigera y’inzoka iba iyarimwo, n’ugukingira amagara yabo izo ndwara z’ugucibwamwo, aho usanga zibangamiye abantu kuva ku bana, gushika ndetse no ku bakuze.
IGIHE