Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kirundo : Inkoko zijishwa n’abakenyezi ziramaze gushorwa mu Bwongereza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Kirundo : Inkoko zijishwa n’abakenyezi ziramaze gushorwa mu Bwongereza

Kirundo : Inkoko zijishwa n’abakenyezi ziramaze gushorwa mu Bwongereza

lundi 21 Mukakaro 2014

Amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike yo mu ntara ya Kirundo, abandanya kwigisha abanyagihugu uko bokwiteza imbere, bakareka kuzera inze.

Ishirahamwe Apecoev.Safavo ryo mu ntara ya Kirundo, rikaba ribandanya gufasha abakenyezi mu bikorwa vyobateza imbere. Therence Nzohabonayo, umukuru w’iryo shirahamwe, akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko inyuma y’inyigisho zo gusoma n’ukwandika zahawe bamwe muri abo bakenyezi, ubu naho baherutse kwigishwa imyuga. Muri ivyo abo bakenyezi basanzwe banatunze abana b’impfuvyi canke abandi nabo ari abapfakazi bigishijwe, hakaba harimwo ukujisha inkoko, ibiseke, n’ibindi. Abandi nabo bakaba barigishijwe uko borwiza umwimbu, mu kurwiza imbuto, no mu gukingira ibidukikije, barwiza imivyaro y’ivyamwa.

Umukuru wa Apecoev.Safavo, akaba avuga ko bimwe mu bimaze gukorwa n’abo bakenyezi bimaze gushorwa hanze. Aha agatanga akarorero k’inkoko zimaze gushorwa mu gihugu c’Ubwongereza izindi nazo zikaba zikiri mu bubiko kandi ari nyinshi. Iyo myuga yose ikaba ihabwa abakenyezi batari bake bo mu gisagara ca Kirundo, hamwe n’abo mu misozi ihanamiye iyo komine iri ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.