Accueil > Amakuru > Poritike > Kirundo : Ukutihanganiranira muri poritike kwafashe umurindi (...)
Kirundo : Ukutihanganiranira muri poritike kwafashe umurindi munini
mardi 19 Myandagaro 2014
Ukutihanganiranira mu vya poritike mu ntara ya Kirundo bigeze aho abadasangiye imigambwe baturiranira amazu. Ivyo bikaba biri ukwo,mu gihe ukwo kutihanganiranira kugeze mu migambwe ya FRODEBU Nyakuri iragi rya Ndadaye, CNDD-FDD n’umugambwe UPRONA ishami ry’umushingamateka Nditije.
Muri iyi ndwi twatanguye, abanywanyi b’umugambwe FRODEBU Nyakuri muri komine ya Bugabira bakaba baratanye mu mitwe n’abari mu mugambwe CNDD-FDD, aho umwe mu bari mu mugambwe wa FRODEBU Nyakuri yakomerekejwe cane ku jisho. Mu nyuma amakuru ava muri iyo komine, akavuga ko inzu y’umunywanyi w’umugambwe CNDD-FDD yaciye idomekwa, irasha iratokombera. Ku baturiye iyo nzu, n’ubu ni impari gusa, abo mu mugambwe wa FRODEBU Nyakuri bavuga ko iyo nzu yaturiwe n’abo muri CNDD-FDD mu ntumbero yo guhuvya amatohoza, abo mu mugambwe wa CNDD-FDD nabo, bakavuga ko iyo nzu y’umunywanyi wabo yaturiwe n’abanywanyi ba FRODEBU Nyakuri.
Mwomenya ko zone ya Kigoma iri muri komine ya Bugabira, ukwihorahorana gufatiye ku vya poritike gusa n’ukuriko kurafata umurindi mu nini. Umukuru w’igiporisi mu ntara z’Uburaruko Eustache Ntagahoraho, avuga ko atawosubira gukizura muri ako karere. Ntagahoraho akavuga ko ico gikorwa ari ic’abajejwe umutekano gusa. Ivyo akaba yabivuze mu gihe hari bamwe bivugwa ko ari Imbonerakure za CNDD-FDD zikizura muri iyo zone mw’ijoro.
N’ayo abo biharaje guturira amazu y’ababanyi babo bakaba bagiye kuvirwa hasi nk’uko buramatari Nzigamasabo Reveriyano abivuga. Buramatari w’iyo ntara akavuga ko ivyo bikorwa atokwemeza ko bifitaniye isano n’ivy’amoko canke ukutihanganiranira mu vya poritike, ahubwo Nzigamasabo we akabona ko harimwo ubukozi bw’ikibi, hamwe n’akaborerwe.
Aristide Nizigire
Messages
19 Myandagaro 2014, 15:57, par Ntacontemanga!
Aho hoho numva igihugu gisigaye citwara!hariho umunyagihugu yoturirigwa inzu,kuburofa nkubwo umutumba wosentuje mugasho!ahaa!
20 Myandagaro 2014, 13:49, par mukobwajana
AHO AVUZE VYO NONE NI GUTE TURYA TUZU TWATURIWE MUBONA ABO BANTU BARI BAFISE N INGORANE Z UBURARO MURABONA KO AATARI AMACAKUBIRI MU KIRUNDO HO NI IBINDI KO ATARI ABA DD NTANA WA MUPRESIDA YOBAHA N UTUBATI TURAMUZI ..GOUVERNEUR NAWE NI INZOKA NTIRUMVEKO TURAMUZI MUGABO WE YOTUMA APFUMA YIHISHA KU BANTU ...KIRUNDI IRIMWO AMABWA MENSHI BA GIHAHE BAKORESHA UBWO BUSORE NGO NI IMBONERAKURE BATERE UBWOBA ABANTU NGO NTIBAZOTORE MINANI WE ATINYA ..ARIKO AKAMUNTU KAMARIYAGWE URABAZA KAYITESI....
20 Myandagaro 2014, 16:15, par Etienne MBABAZI
Nezerejwe no gusubira kwibonera UMWIGISHA Wanje nayo ibibera mu BURUNDI Nahimana GUSA!
22 Myandagaro 2014, 10:58, par Nsengiyumva
Birababaje cane.Mutegure amanama menshi mu kirundo yo kwigisha kubana neza ahandi ntivyoroshe.Ikindi abafashwe bahanwe ivvya zkaroreo kuko vyarenze cane.