IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Umugore yishwe n’umugabo wiwe amutemye

Kirundo : Umugore yishwe n’umugabo wiwe amutemye

vendredi 6 Ruheshi 2014

Umukenyezi w’imyaka hafi 40 wo mu ntara ya Kirundo komine ya Bugabira ku musozi wa Kiyanza, niwe yagandaguwe n’umugabo wiwe akoresheje igipanga.

Leocadie Kamatano yishwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa 5 Ruheshi n’umugabo wiwe Ndayisaba Joseph, amutemaguje igipanga mu masaha yo mw’ijoro rikuze. Amakuru ava kuri uyo musozi akavuga ko uyo muryango wari mu nduru zidasanzwe, aho bari bamaze iminsi bubakanye nabi. Ndayisaba Joseph amaze gukora ako kabi, akaba yaciye yishikana we nyene mu giporisi.

Twobamenyesha ko muri iki gihe heze ibiharage hari ingorane mu miryango imwe imwe yo mu makonine y’intara ya Kirundo, bivanye n’ingeso ya bamwe bamwe mu bubakanye, bagurishiriza imirima yabo ku misozi itarera. Iyo ngendo mbi yiswe umurwazo ikaba igisibije, aho abubakanye bama bariko bararyana, iyo bagiye gusarura bagasanga umurima wagurishijwe kera.

Aristide Nizigire

Messages

  • NIMBA MU KIRUNDO ATA MATEGEKO BIRACACITSE!!!BAKENYEZI EREGA UMUGABO SIWE ABA YARAKUREMYE MUBONYE BIMEZE NABI SHIRA ICO KIBAZO MU BUTUNGANE KUKO BENSHI MUZOGIRA URUPFU NKURWO..JE NTEYE AKAMO ABAKENYEZI KWIKUNDA NAYO GUHEBERA ABAGABO UBUZIMA BWANYU HEBA KUKO NI IBIKOKO..KANDI MWIHANE KURUNGIKA ABANA BANYU KU MASHARI BITEYE UBWOBA MU BUGABIRA NA BUSONI CANE CANE.UBUTUNGANE SINZI KO BUGUMA BUKURIKIRANA IMANZA ZACIRIWE BAMWE BA MBERE !!!AHO MU KIRUNDO HARI INGESO ZIDASANZWE KANDI HARI NI IBITURIRE MURI ADMINISTRATION BIDASANZWE..!!!!

  • UWO MUGABO NAHANWE HISUNZWE AMATEGEKO.

  • None Hakogwe Iki Kugira Turwanye Iyo Ngeso Y’umugwazo?

  • kubawanje Numva Nosaba Inzego Ko Zokura Umurwazo Kuko Babikuye Ingorane Zoba Zike Nubwicanyi Bwogabanuka Ninzara Mumiryango Bobaza

  • JEWEMBONAKUWOMUGWAZOWOGUMAHOKUKOWAFASHA ABANTUBESHI BIGATUMABATIBABARARINYE BANYAKUBAHWA GUSAKUBABADUKUYEMURUPFUNZONIKUDETABATEYE UMUKURUWIGIHUGU

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.