IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kivumu : Abantu babiri bishwe abandi babiri barakomereka

Kivumu : Abantu babiri bishwe abandi babiri barakomereka

jeudi 21 Ndamukiza 2016, par egide

Umutekano wasubiriye guhungabana ku musozi Kivumu, komine Mugamba, intara ya Bururi, ahumvikanye amasasu menshi ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu. Abantu babiri nibo bagandaguwe, hamwe n’abandi babiri bakomeretse mu gitero cakozwe n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye.

Ayo masasu yatanguye kwumvikana nk’igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba, mu giporisi c’Uburundi bakamenyesha ko abo bantu bagandaguwe mu bunywero buri ku musozi Kivumu, komine Mugamba, intara ya Bururi.

Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko ari abantu bari bambaye impuzu zisanzwe (Tenue civile) kandi bitwaje inkoho bari mu bunywero bariko basangira n’abandi, ariko umwe mubatari kumwe nabo aca abimenyesha abasirikare.

JPEG - 133.2 ko
Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

« Abasirikare baje bararasanye n’abo bantu bitwaje ibirwanisho, haca hakomereka abantu bane, ariko babiri muribo bakaba bahavuye bitaba Imana.»

Abajejwe umutekano bakaba bazindutse ari benshi kuri uwo musozi, hamaze mbere guhagarikwa abantu bataramenyekana igitigiri.


IGIHE

Messages

  • Ubisome neza nkuko babikwandikiye ejo ni mwene nyoko bazocisha kubuhomba naba utarashikirwa. Ariko ruriye abandi rutakwibagiye rindira imboneranyuma muzohura. Nayo uwo Piter ukorera ukorera Idayimone imwe ya nguvu. Mubitambo vyiw vyikuzimu harigihe naw woba urimwo. Ico nogusaba nuko wokura uwo mwambaro kuko ivyo uriko urasoma ntibijany. Urakanura maremare kuko hamwe wosimba nurudome rumwe hahaha ... ayimbwa yaboneye kumugezi. Nzobandora. Ikindyohera nuko muminsi mikeyi buca ndonka message ngo bagutabariz. Ndibaza ko atabucuti wasumvya Radjabu na Manassin Nzobonimpa bwari hagati yabo na Piter. Iyaba murabo mpanura novuga nti :" ikebuke mwongere mwikubit agashi".

  • iyomihimbiri ngonabaroberi aribwo burikobutoba igihugu mugabo amaraso yandadaye azobahumira batsopfabangara nkagahini

  • @nzobandora
    "Ndibaza ko atabucuti wasumvya Radjabu na Manassin Nzobonimpa bwari hagati yabo na Piter."

    Mbe uvuga Marcassin canke Manassé ?

  • Jewe icombona igiporisi gikwiye kuvavanura niryo rementanya cama cakoze muntumbero yo guhonya abanyagihugu ataco bazira iyabaroberi babateye ntimububahuka ahubwo muca murengera mubanyagihugu mugasasika reka ndabacire agace kingene iyontambara muzoyitsinda namwe mukaruhuka kwirirwa muricwa nkutuyabu kuko namwe ubwanyu murarenvye ehe ikizotuma iyongwano mutazoyitsinda Niki ubwambere abaroberi babarwanya sibo bateye iyontambara uwayiteye Ni piter arinawe yirirwa arabahenda ngogenda kwica benewanyu inama nobagira yogutsinda iyontambara nuko mwokwikusanya abasirikare aba polisi wanashaka nimbonerakure zivyipfuza kuko turazi barimwo none izonguvu muja guteza benewanyu muzimuhindukirizeko aho niho muzoba mutsinze iyo ntambara naho kwibaza Ngo muzotsinda abaroberi muribesha kuko barasotowe nonobu hageze aho bivuna mbere harico mutaramenya ivyonimutabigira muzikangura musanga bobo kirya kirimba cankurumbi wanyu abahenda bagitashe bamukorereko nibaheza babahindukirire namwe bababohe mubure imbwa nibwebwe

  • nibaze ko wewe wiyise tari udakomeye mutwe urumusazi muratumara mwarangiza mukadukora munkovu ivyo mukora mwinyegeje mwibaza NGO Niko gukomesha let’s harigihe ukuri kuzotinda kukaja ahabona

  • Mana yacu yesu tabara ubwoko bwaw abarundi turageramiw

  • Mana yacu yesu tabara ubwoko bwaw abarundi turageramiw

  • Nukurab Arabonyen Basubiranamw

  • Nukurab Arabonyen Basubiranamw

  • Nawe,tari,uratangaza,nkurubi,azayararumye,urazayo,yakoye,abomubumanuko,ari,imutabira,murikudeta,nandayikengurukiye,urabaza,neza,namabatutsimuririsha,kimwemukwiyekumenya,kimwe,nunwicanyi,nonivyo,umuh,umututr,bahunzebose,bangirinam,useni,manase,nyangom,rupfikiri,nduwimanaae,nibes,akarorero,

  • ABO BANTU BITWAZA INKOHO BATAZIFITIYE URUHUSHA BAFASHWE BABA BAKWIYE KWICWA ATA KIGONGWE KUKO BARAGISIBIJE BURIMWANYA NGO HARASHE ABAMBAYE SIVILE

  • Abo bagya mubungwero bafise inkoho nimbonerakure. Umanika agati wicyaye wagya kukamanura ugahagarara,

  • iyo mubabazagiza mukabarekura kuko mwagwanye mwebwe kuri mwebwe nyene

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.