Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kolo habib Touré yahagaritse gukina umupira w’amaguru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Kolo habib Touré yahagaritse gukina umupira w’amaguru

Kolo habib Touré yahagaritse gukina umupira w’amaguru

lundi 16 Ruhuhuma 2015

Umukinyi mpuzamakungu Kolo Touré yahagaritse akazi kiwe nk’umukinyi w’umupira w’amaguru haba mu murwi nserukira gihugu wiwe canke mu murwi yahora akinamwo.

Inyuma yo gutsindira igikombe ca CAN ari icugazo mu murwi nserukiragihugu wa Côte d’Ivoire, Kolo Habib Touré yatangaje ko ahagaritse akazi kiwe nk’umukinyi w’umupira w’amaguru. Ku myaka 33 y’amavuka, yahora mu murwi wa Livepool wo mu Bwongereza ku nomero ya 4, abivuze mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru agira ati : "Ntaco ntakoreye igihugu canje, ariko harageze ko ndangiza". "ikindi naco n’uko iki ciyumviro canjemwo kuva kera, kandi nashaka ko norangiza amateka yanje ntsinze CAN 2015". Kolo Touré arangije urugendo rwiwe inyuma y’inkino 114 ari icugazo (défenseur) mu murwi nseruira gihugu muri Côte d’Ivoire (Elephants)

Kolo Habib Touré agiye asiga uwuzomusubirira mu kibanza c’inomero ya kane, uwo nawe n’icugazo Ousmane Viera Diarrassouba w’imyaka 28, akina ku nomero 3 mu murwi nserukira gihugu wa Côte d’Ivoire, no mu murwi Çaykur Rizespor wo muri Turquie. Kolo Touré ati : "Azofashanya n’abandi bakinyi bacaruka nka Eric Bailly na Wilfried."

Mwomenya ko Kolo Touré afise uburebure bungana metero (1,83 m) n’uburemere bungana ibiro 76. Avukana n’ibihangange vy’abakinyi Ibrahim Touré yitavye Imana kw’igenekerezo rya 19 Ruheshi na Yaya Touré.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.