Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Koo-k avugako kuririmba “NDAGUKATIYE” Atari kubwa Thith Love umukunzi (...)
Koo-k avugako kuririmba “NDAGUKATIYE” Atari kubwa Thith Love umukunzi wiwe
lundi 11 Ntwarante 2013
Munyuma yaho umuririmvyi akaba n’umuhinyanyuzi azwi kw’izina rya Kook-k asohoreye indirimbo yitwa “NDAGUKATIYE” humvikanye amajambo menshi avugako yoba yahebanye na Thith Love azwi na bose nk’umukunzi wiwe.
Kook-k avugako ataririmvye iyo ndirimbo kubera umukunzi wiwe Thith Love kuko ntakibazo bafitanye mu rukundo ngo uko iminsi ihera niko urukundo rwabo rurushiriza gukomera.
Ngo imvo zateye Kook-k kuririmba iyo ndirimbo yavuzeko ari umugenzi wiwe yamubwiye ko yafashe ingingo yo gukatira uwo bari basanzwe bakundana hama yumva amuhaye ivyiyunviro vyiza nuko aca akora iyo ndirimbo yitwa “ndagukatiye”.
Thith love ngo acumva iyo ndirimbo yaciye ahungabana cane kuko yahise atekereza ko ariwe watumye umukunzi wiwe aririmba gutyo kuko yanayikoze atamubwiye ikindi bakaba bari bamaze iminsi bashavuriranye bimwe vy’abakunzi kuko ngo harivyo batari bahurijeko neza kandi inkuru ivugako umukunzi wiwe yakoze indirimbo nk’iyo vyasanze Thith mu Rwanda aho yari murugendo rwo kuramutsa incuti n’abagenzi.
Ariko aba bompi ari Kook-k Thith ndetse na Love Kook-k bavuga ko uko iminsi ihera ariko urukundo rwabo rurushirizaho gukomera kuko ubu ngo muminsi mikeyi bariko bitegura gutumako incuti n’abagenzi mu rubanza rwabo.
Thith love akomeza avugako akunda umukunzi wiwe bimwe vya pfa mpfe kuburyo ngo yamweguriye ubuzima bwiwe bwose kuko ngo abona amufatiye runini aruwo kubahwa muri vyose.
Kook-k nawe ati ubu Thith love siko akitwa ahubwo asigaye yitwa Kook-k Thith na we akitwa Love Kook-k bati rero abavuga nibahore kuko ngo uretse n’amajambo n’urupfu kubatandukanya bizorugora.
Joel Sengurebe