Accueil > Amakuru > Mu makungu > Korea ya ruguru n’iy’epfo bateguye ibiganiro
Korea ya ruguru n’iy’epfo bateguye ibiganiro
lundi 10 Ruheshi 2013
Korea ya ruguru na Korea y’epfo bigiye gutangura ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru, hirya y’ejo ku musi wa gatatu, ku murwa mukuru Seoul muri Korea y’epfo.
Ivyo bibaye inyuma y’imishamirano yari imaze amezi atari make hagati y’impande zompi.
Muri ivyo biganiro, ntibategekanya kuganira ku kibazo c’ibirwanisho nuclear cari kimaze imyaka itandatu giteye impagarara hagati y’ivyo bihugu, ariko ku rutonde rw’ivyigwa bazokwigira hamwe kugarukana imigenderanire y’ubudandaji n’ingenzi hamwe no guhuza imiryango yamaze imyaka irenga 60 yaraburanye kubera intambara yabaye hagati y’izo Korea zompi.
Umuvugizi w’igisirikare ca Korea y’epfo yamenyesheje ko imirongo ya gisirikare yari hagati y’ibihugu vyompi yongera gufungurwa.
Ivyo biganiro bitunganijwe inyuma y’ikiyago camaze amasaha cumi n’umunani hagati y’intumwa zo mu bihugu vyompi.
Egide Nduwimana
Messages
17 Kigarama 2015, 20:23, par DELIMIX.INGOZI
NIVYIZA.KOBAGIYE.MUBIGANIRO.YABA.NI.BURUNDI.VYOBAYE.NKUKO.IMANA.YOBA.IKOZE.