Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Koreya y’amajepfo : Umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya y’amajepfo : Umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho

Koreya y’amajepfo : Umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho

lundi 28 Ndamukiza 2014

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Koreya y’amajepfo Chung Hong Won yatanze imihoho inyuma yaho abanyagihugu bidogeye iyo Reta ko yananiwe gutabara bivuye kuri rya sanganya ry’ubwato ryo kuwa 16 Ndamukiza ryatumye abarenga 300 baburirwa irengero, bikavurwa mbere ko bamaze kwitaba Imana.

Mw’ijambo ryo kuri uno w’ Imana igenekerezo rya 27 Ndamukiza, Chung Hong Won yagize ati : "Ndasavye imbabazi kubona ntashoboye guhagarika iryo sanganya mbere bikaba vyananiye no gufata mu minwe neza (responsabilité) ico kibazo.
Nabonye ko nk’umushikiranganji wa mbere w’igihugu bica bija ku gatwe kanje niyo mpamvu nashimye gutanga imihoho.

JPEG - 370.3 ko
Umushikiranganji wa mbere Chung Hong Won

Abandanya agira ati : "Nari nipfuje gutanga imihoho kuva rirya sanganya riba ariko icari cihutirwa ubwa mbere kwari gufata mu minwe ikibazo, nkatabara nico gituma nategerezwa kubanza gufasha imbere yo gutanga imihoho. Ariko ubu nashimye gutanga imihoho kugira simbe umutwaro wa Reta."

Abenshi rero muri abo basomye nturi ni abanyeshure biga mu mashure yisumbuye bari mu rugendo rw’ishure. Ubwo bwato bwari butwaye abantu 476, muri abo harimwo abanyeshure 339 hamwe n’abigisha babo. Kuri uno w’Imana bakaba bari bamaze kuroba ibiziga bishika kw’187 gusa.
Agashavu rero ku babuze ababo ni kenshi cane bagiriza Reta ko igikorwa c’ubutabazi kiriko kirikwega cane. Ikindi cababaje iyo miryango n’uko umukapitene w’ubwo bwato hamwe n’abandi bamufasha gutwara bavuye muri ubwo bwato, imbere y’uko abo bari batwaye basohoka.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.