Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya y’epfo : Ibiziga 26 nivyo bimaze gutorwa mu mpanuka y’ubwato
Koreya y’epfo : Ibiziga 26 nivyo bimaze gutorwa mu mpanuka y’ubwato
vendredi 18 Ndamukiza 2014
Ibiharuro vyabaguye mu mpanuka y’ubwato mu bumanuko bwa Koreya y’epfo bigeze kuri 26, nk’uko bivugwa n’ibimenyeshamakuru vyo muri Koreya y’epfo.
Abasanzwe bacungera imbibe zo mu bumanuko bwa Koreya y’epfo, mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru bamenyesheje ko abantu bagera kuri 26 aribo bamaze gutorwa ibiziga, 12 muri bo bari abanyeshure. Abashika 179 nabo barashoboye gutabarwa, abandi 271 barabuzwe irengero ryabo.
Ubwo bwato bwatwawe ku munsi wa gatatu w’indwi iheze ku nkombe yo mu bumanuko bushira uburengero bwa Koreya y’amaja epfo bwari butwaye abantu 475, aribo 325 biga mu mashure yisumbuye, harimwo n’abigisha 15 bariko bagana mu rugendo rw’ishure bimwe bita voyage d’étude y’iminsi ine.
Mu barokotse hakaba harimwo abanyeshure 75, amato 3 y’ubutabazi akaba yaciye ashika aho habereye iryo sanganya ku munsi wa gatanu.
Hari n’indege za kujugujugu zitari nke zakoreshejwe kugira zifashe mu bikorwa vyo kurondera ababuriwe irengero.
Kubera ababuriwe irengero bakiri benshi, ibitigiri vy’abapfuye bishobora kwongerekana umwanya uwariwo wose.
Floxella Karire