IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Koreya y’Epfo yiyemeje kuguma ishigikira Uburundi

Koreya y’Epfo yiyemeje kuguma ishigikira Uburundi

vendredi 28 Ruheshi 2013

Igihugu ca koreya y’Ubumanuko carahaye ingabire y’imiduga ine iri mu bwoko bwa hundayi, imashini z’inyabwonko 40 zo mu biro, imashini 40 z’inyabwonko ngendanwa. Iyo ngabire yose ikaba iciye amadolari y’Amerika ibihumbi 200.

Ku bw’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ugufashanya kw’Uburundi n’ayandi makungu Albert Shingiro, amenyesha ko anezerejwe n’iyo ngabire kw’izina rya Leta y’Uburundi. Yabandanije amenyesha ko imigenderanire y’Uburundi na Coreya y’Ubumanuko ari myiza cane ndetse ko ivyo bihugu vyose bisanzwe bifashanya mu bisata vy’ubudandaji, ivy’indero, agateka ka zina muntu, inyigisho zimara umwanya muto, n’ibindi.

Albert Shingiro yabandanije amenyesha ko iyo miduga ine yaronkejwe Leta y’Uburundi, ari imiduga myiza cane ndetse isanzwe ikorerwa muri ico gihugu. Amenyeshako iyo miduga ica ija mu gisata kijejwe kwakira ingenzi zigendera Uburundi, ndetse ikazoca ifasha mu kurerura abanyacubahiro bagendera igihugu. Akaba yarangije asaba ico gihugu kuzitaba ya nama y’abazofasha Uburundi iriko itegurwa mu kwezi kwa Mukakaro kw’igenekerezo rya 15, eka ndetse akaba yasavye ico gihugu kandi gufasha ubushikiranganji kwubakira inyubakwa yabo bwite bokoreramwo.

Ku bwa Soontaik Hwang aserukira igihugu ca Koreya y’Epfo mu Burundi, amenyesha ko imigenderanire y’Uburundi n’ico gihugu ari myiza ndetse akavuga ko iyi atari intango canke iherezo ko bagiye kuzobandanya bafasha Uburundi. Koreya y’Epfo ikaba ishimira Uburundi kuko bwashigikiye ico gihugu kugire gishobore kuja mu bihugu bigize inama nkuru y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.