Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ku bantu badakundwa; ng’aya amabanga 7 yotuma mukundwa cane nk’abandi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ku bantu badakundwa; ng’aya amabanga 7 yotuma mukundwa cane nk’abandi

Ku bantu badakundwa; ng’aya amabanga 7 yotuma mukundwa cane nk’abandi

samedi 17 Myandagaro 2013

Gukunda akenshi usanga vyoroshe, ukamenya uwo umutima wawe wishimiye. Gukundwa vyo usanga kuri bamwe biba ingorane mu gihe hari abandi wokeka ko bagira uburozi baha buri wese bahuye nawe. Ngizi inzira indwi wocamwo ugakundwa nawe, ukanezerwa:

1. Kumenya guha umwanya ukwiriye uwo ukunda .

Burya n’aho abarundi bayamaze bati agafuni kabara ubumwe ni akarenge, ntiworamutsa umuntu udafise umwanya igihe. Mu gihe uwo wita ko ukunda utamufatiye igihe bizomugora kugukunda. Ni vyiza ko uwo ukunda umuha akanya gakwiriye mu kayaga.

2. Haranira kubwira uwo ukunda ivyiza umubonako ukwo ubimubonyeko
.

Benshi biragora cane kumva igituma abaririmvyi bakundwa cane. Ibanga nta rindi ni ukwo baba babasha kuvuga ivyiza babonye ku muntu, vyaba ngombwa bakabiririmba kugirango anezerwe. Niwabona iciza kuwo ukunda nk’intambuko, ukwo akanura, ukwo yambara, ukwo yaguteguriye ivyo ufungura bimubwire.

3. Gerageza kwumva ko uri uw’agaciro .

Igihe cose wisuzugura, wiyerekana ko ata n’umwe yogushima niko bazogufata. Aho uri hose, abo murikumwe bose, bereke ko uri uwagaciro, ko ukwo uri kwose wiyumva, kandi ukishigikira. Kuko wigize ikivumvu, bazokuyoza umwavu.

4. Gerageza kuba umuntu ukeye ku mutima, utwenza kandi ugatwenga.

Uretse uwo ukunda, n’abandi bose bazogukunda mu gihe bagushitse iruhande ubaruhura, iyo ubatwengeje nawe ugatwenga. Iyo umuntu akwegereye akagusanga minsi yose uri mu maganya, azokuja kure kuko azanka ko ayo maganya yawe nawe amutandukira. Niwaba udashoboye gutwenza abandi, pfuma hoho umwenyura, werekane umunezero muri wewe.

5. Iga gusaba uwo ukunda .

Iyi ingingo ni nziza cane mu buzima bw’uwushaka gukundwa. Kwereka umukunzi wawe ko ataco ukeneye ku bandi mu gihe nawe agifise, ivyo bituma bimwereka ikibanza umuha muri wewe. Ariko rero, aha ni ukuvyitwaramwo neza, kuko hari abaca barenza urugero, bagashaka gusaba ivyo umusore canke inkumi badafise, canke bigatuma uwusaba agaragarako nk’umusavyi karuhariwe.

6. Fata igihe utege amatwi uwo ukunda .

Gutega amatwi uwo ukunda, kenshi ntivyorohera bamwe bamwe. Hari abo usabnga bashaka kuguma bavuga bonyene, batanga amategeko ntibagombe kwumva ibigoye mu genziwe, canke yavuga ingorane ziwe, ugasanga uciye wirabira hirya nk’aho umenga ntaco wumvise. Iyo uteze amatwi umukunzi wawe, bituma agukunda cane, akabona ko umwitayeho rwose.

7. Ntukamubwire amajambo amubabaza .

Birashika ko umukunzi wawe ateba iyo mufitaniye urugendo, birashika ko aja gusokoza agatebayo, birashika ko mugira mujane gusenga agucereza, si vyiza ko uca umubwira ngo niko wama minsi yose, niko uremye, ahubwo, menya ikibimutera kuruta ibindi vyose.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.