Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
“Ku kazuba center” Umurwi w’abaririmvyi “Groryfy team” waragize igiteramo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > “Ku kazuba center” Umurwi w’abaririmvyi “Groryfy team” waragize igiteramo (...)

“Ku kazuba center” Umurwi w’abaririmvyi “Groryfy team” waragize igiteramo kuri uyu w’Imana

lundi 4 Ntwarante 2013

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 3 Ntwarane 2013, umurwi witwa “Gloryfy team” uririmba indirimbo z’Imana ugizwe n’urwaruka ruturuka mu mashengero atandukanye hano i Bujumbura warakoze igiteramo co guhimbaza Imana aho bita “ku Kazuba center” .

Ico giteramo catanguye isaha icumi n’inusu z’umuhingamo gushika isaha zibiri z’ijoro. Muvy’ukuri, cari citabwe n’abantu benshi kuko ari umurwi usigaye ukundwa n’abantu benshi.

Ikindi, murico giteramo, hari hatumiwe n’iyindi mirwi isanzwe ikundwa cane n’abantu ,aho twovuga nk’umurwi wa B4TI, Best friend of God n’abandi.

JPEG - 51.2 ko

Ico giteramo cari gifise intumbero yo kubwira abantu ineza Umwami Yesu agirira abantu no kubabwira ko satani nawe agira nabi ngo bamenye kumurwanya bivuye mu nyuma.

Umuziki muri ico giteramo warumvikana neza ku buryo n’inyuma y’igiteramo abantu bavuga ko uwo murwi uteye imbere, haba mu kuririmba mbere no mugucuraranga,ngo amajwi y’abaririmvyi yari arongorotse cane, n’abacuraranga bavuza umuziki neza.

JPEG - 52.2 ko

Uwurongoye uwo murwi yatubwiye ko impamvu zuko bavuza bakanaririmba neza,ngo nuko bakoresha abacuraranzi ba bahinga muri ino minsi nka christophe na mugenzi we Roger, abavuzi ba piano bamaze kumenyekana nka Dieudonne umuvuzi wa gitare solo, nka Frank kuri gitare bass na Aderale umuvuzi w’ingoma akomeye.

Igiteramo carangiye abantu batabishaka kubera ko bari bahezagiwe.Uwo murwi ugatangaza ko ugifise vyinshi ugomba gukora muri iyi minsi.


Joel sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.