Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ku munsi wa nyuma w’ukwiyandikisha muma kaminuza ya Reta, ibitigiri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ku munsi wa nyuma w’ukwiyandikisha muma kaminuza ya Reta, ibitigiri (...)

Ku munsi wa nyuma w’ukwiyandikisha muma kaminuza ya Reta, ibitigiri ntibirashikirizwa

mardi 1er Ndamukiza 2014

N’aho ikiringo c’ukwiyandikisha ku banyeshure bo mu kaminuza za Reta caheze kuri uno munsi wa kabiri, ibitigiri vy’abamaze kwiyandikisha ntibiramenyekana, kuko ababitangaza bashimye kugira ico bashikirije mu masaha yo ku muhingamo wo kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 1 Ndamukiza.

Igenekerezo rya 1 Ndamukiza niryo sango rya nyuma ry’ukwiyandikisha kuri ba banyeshure biga muri kaminuza za reta. Inyuma y’ako kamo ko kuja kwiyandikisha kari katewe n’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, vyabonetse ko katitabwe nk’uko umushikiranganji yavyemanze mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru. Umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, Joseph Butore yaciye atangaza icese ko yongeye ikiringo c’ukwiyandikisha gushika kuwa 1 Ndamukiza 2014. Yabandanije amenyesha ko mu gihe abanyeshure batokwitaba akamo hazoca hafatwa izindi ngingo.

Aho ikinyamakuru IGIHE cashika mu kigo ca IPA, twasanze hari abanyeshure bake bariko bariyandikisha. Ariko rero, n’uno munsi nta bitigiri twashoboye kumenya, kuko abajejwe gutanga amakuru batumenyesheje ko baza gushira ahabona ivyo bitigiri mu masaha ari imbere.

JPEG - 1.2 Mo
Mu kigo ca IPA hari abanyeshure bake bariko bariyandikisha

N’aho bataramenya ingingo zihava zifatirwa abanyeshure bo muma kaminuza ya Reta, abanyeshure bo muri za kaminuza z’abigenga bamenyesheje ko haboneka ukuvuguruzanya ku vyerekeye ingorane zimaze iminsi muri kaminuza za Reta.
Nk’uko bivugwa na Thadée Kwizera asanzwe ari mu baserukira abandi banyeshure bo muri kaminuza z’abigenga, hari ukuvuguruzanya mu ngingo muri Reta bafata, kuko mu gihe baha uburenganzira abana bwo kwiga ku buntu, nta kuntu muri Reta boca bima agafasahanyo abanyeshure, kandi batagira ingene bobandanya amashure ya kaminuza, kubera amikoro make.

Abo banyeshure basaba kandi ko abanyeshure baserukira abandi birukanwe mu bigo vya kaminuza bogarukanwa mu mashure, kuko guserukira abandi si icaha.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.