Accueil > Amakuru > Amashuri > Ku munsi wa nyuma wo kwiyandikisha abanyeshure ba kaminuza ntibitavye (...)
Ku munsi wa nyuma wo kwiyandikisha abanyeshure ba kaminuza ntibitavye akamo
mercredi 26 Ntwarante 2014
Ku munsi ugira gatatu , igikorwa co kwiyandisha ku banyeshure biga mu ma kaminuza ya Reta, ntikiriko kiritabwa ku bwinshi. Guhera ku munsi wa mbere , igenekerezo rya 24 ntwarante 2014 , ibikorwa vyo kwiyandikisha ku banyeshure bo mu mashure ya kaminuza bari birukanywe mu kiringo c’iminsi 10, kiriko kiraranguka nabi nabi.
Ariko rero ico gikorwa co kwiyandikisha gisa n’ikitariko kiritabwa uko bikwiye kuko ibitigiri vy’abariko bariyandikisha bikiri gito cane. Kuri uno wa gatatu , igenekerezo rya 26 Ntwarante ari nawo wanyuma , hari hamaze kwiyandikisiha igitigiri gito cane c’abanyeshure. Muri kaminuza y’Uburundi , mu gisata c’indimi igihe c’isaha 4 zo mu gatondo, hari hamaze kwiyandiksiha abanyeshure bagera kuri 13. Mu gisata c’amategeko hari hamaze kwiyandikisha abagera kuri 7, nayo mu gisata c’uburimyi hari hamaze kwiyandikisha abanyeshure 5, mu gisata c’ubuhinga hari hamaze kwiyandikisha abanyeshure bashika kuri 4 ,mu gisata c’ubuvuzi mu kigo ca Kamenge hari hamaze kwiyandiksiha 20.
Kw’ishure nderabigisha ENS (Ecole normale superieure ) nta munyeshure n’umwe yari bwiyandikishe. Tubamenyeshe ko nabo mu bagiye kwiyandiksiha abenshi ari abiga mu myaka ya nyuma . Tubibutse ko umuyobozi wa kaminuza nderabigisha ENS Janviere Ndirahisha ahamagarira abo banyeshure kuja kwiyandikisha ari benshi . Ariko rero naho bari bahawe iminsi itatu yo kwiyandikisha, Janviere Ndirahisha amenyesha ko ata cobuza ko babongera ikiringo, kuko bashobora kuba bagowe na twinshi na cane cane nko ku bari bamaze kuduga mu mihana iwabo.
Uwo muyobozi wa kaminuza nderabigisha ENS abahamagarira kuja ku kivi ni naho nivyo basaba vyokworoha ,mbere akabizeza ko hamwe bagarutse bashobora kwicara hamwe bakaganira ingorane zihanze ico gisata c’indero muri kaminuza.
Floxella Karire