Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ku myaka 16 yari yajanwe muri Oman mu bushurashuzi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ku myaka 16 yari yajanwe muri Oman mu bushurashuzi

Ku myaka 16 yari yajanwe muri Oman mu bushurashuzi

vendredi 11 Gitugutu 2013

Mu gihe hari haheze imisi havugwa urudandazwa rw’abantu cane cane abana b’abigeme mu Burundi, hari umwana w’umwigeme w’imyaka 16 yagarukanywe avanywe mu gihugu ca Oman ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 8 Gitugutu. Akaba yari yajanywe gukoreshwa mu bushurashuzi.

Nk’uko uwo mwigeme w’imyaka 16 avyivugira, yagiye atwawe n’umukenyezi yitwa Murielle aba muri komine Cibitoke, bari kumwe n’umugabo azwi kw’izina rya Dieudonné Cimpaye aba muri komine Bwiza, komine zompi zo mu gisagara ca mu gisagara ca Bujumbura.
Uko ari babiri bamuhenze ko bagiye kumuronderera akazi muri Oman, bamwemerera ko azokora kandi yiga. Bamushikanyeyo, yasanze bamujanye mu bikorwa vyo kumukoresha mu bushurashuzi. Yahakuwe n’uko yashoboye kuronka ingene ahamagara iwabo abamenyesha ivyo bamutwayemwo, babona kumutabariza.

Urunani rw’abakenyezi rukaba rwamiriye kure urwo rudandazwa rw’abantu na cane cane urukorerwa abana b’abigeme mu Burundi. Mw’itangazo basohoye, iryo huriro ry’abakenyezi rivuga ko babazwa n’inyifato y’abakenyezi badandaza abana babo bagacapfuza igihugu cabo.

Iryo huriro rigasaba umurundi uwariwe wese, na cane cane abakenyezi kugwanya ico kiza. Iryo huriro nyene risaba abajejwe intwaro kurikanura kandi bagasuzuma uruja n’uruza rwose. Urwo runani rwarangije rusaba abakenyezi gutsinda ubwoba.

Mw’ishirahamwe JUSTICE ET EQUITE ari naryo nabo ryafashije uwo mwana w’umwigeme gutahuka, bamenyesha ko umunezero ari wose. Florence Boivin arongoye iryo shirahamwe ati : "Ni akanyamuneza ntangere kubona uwo mwana tumugarukanye mu gihugu ciwe c’amavukiro."


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.