Accueil > Amakuru > u Burundi > Ku myaka 16 yari yajanwe muri Oman mu bushurashuzi
Ku myaka 16 yari yajanwe muri Oman mu bushurashuzi
vendredi 11 Gitugutu 2013
Mu gihe hari haheze imisi havugwa urudandazwa rw’abantu cane cane abana b’abigeme mu Burundi, hari umwana w’umwigeme w’imyaka 16 yagarukanywe avanywe mu gihugu ca Oman ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 8 Gitugutu. Akaba yari yajanywe gukoreshwa mu bushurashuzi.
Nk’uko uwo mwigeme w’imyaka 16 avyivugira, yagiye atwawe n’umukenyezi yitwa Murielle aba muri komine Cibitoke, bari kumwe n’umugabo azwi kw’izina rya Dieudonné Cimpaye aba muri komine Bwiza, komine zompi zo mu gisagara ca mu gisagara ca Bujumbura.
Uko ari babiri bamuhenze ko bagiye kumuronderera akazi muri Oman, bamwemerera ko azokora kandi yiga. Bamushikanyeyo, yasanze bamujanye mu bikorwa vyo kumukoresha mu bushurashuzi. Yahakuwe n’uko yashoboye kuronka ingene ahamagara iwabo abamenyesha ivyo bamutwayemwo, babona kumutabariza.
Urunani rw’abakenyezi rukaba rwamiriye kure urwo rudandazwa rw’abantu na cane cane urukorerwa abana b’abigeme mu Burundi. Mw’itangazo basohoye, iryo huriro ry’abakenyezi rivuga ko babazwa n’inyifato y’abakenyezi badandaza abana babo bagacapfuza igihugu cabo.
Iryo huriro rigasaba umurundi uwariwe wese, na cane cane abakenyezi kugwanya ico kiza. Iryo huriro nyene risaba abajejwe intwaro kurikanura kandi bagasuzuma uruja n’uruza rwose. Urwo runani rwarangije rusaba abakenyezi gutsinda ubwoba.
Mw’ishirahamwe JUSTICE ET EQUITE ari naryo nabo ryafashije uwo mwana w’umwigeme gutahuka, bamenyesha ko umunezero ari wose. Florence Boivin arongoye iryo shirahamwe ati : "Ni akanyamuneza ntangere kubona uwo mwana tumugarukanye mu gihugu ciwe c’amavukiro."

Floxella Karire
Messages
12 Gitugutu 2013, 06:39, par kabaka
uroye aya maboko yiwe uyu mwana ni mwiza ariko i Burundi mureke urudandazwa rw’abigeme
12 Gitugutu 2013, 14:05, par Kirinyota
Pole kibondo, ariko se izi dayimoni zishaka kudandaza abana babandi ntizohinduka.
13 Ntwarante 2018, 10:53, par Nitwa Kwizera Reonidas
Shaka Umukobwa Mwiza Dukundana