Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > ’’Ku myaka 35 umukobwa akiri inkumi aba atanguye kuribwa mu nda’’
’’Ku myaka 35 umukobwa akiri inkumi aba atanguye kuribwa mu nda’’
mercredi 27 Munyonyo 2013
Abantu bose baremwe, bafise amagara meza barafise muri bo, agatima k’urukundo. Ako gatima n’ibindi biremwa nk’ibikoko biragafise. Kuko navyo birakunda. Urukundo abantu bakundana, ruratandukanye bivanye n’umuntu. Ukwo umuvyeyi akunda umwana, si ryo umugore akunda umugabo wiwe, ukwo umuhungu akunda uwundi umukobwa siko akunda mushiki we.
None umukobwa akunda umuhungu ameze gute? N’igiki gituma uwo mukobwa ahitamwo umuhungu kanaka mu bahungu isinzi bahura nawe? Mbega biva ku bwiza bw’umuhungu? Mbega biva ku matungo afise? Canke ku muryango avamwo? Ibibazo umuntu yokwibaza ni vyinshi cane.
Urugero rw’urukundo ku mukobwa rugenda ruhinduka ukwo agenda akura mu mwanya, canke ater’imbere mu mashuri. Bivugwa ko ku myaka cumi 12, umukobwa aba atanguye kwuyumvamwo urukundo rw’umuhungu. Kuri iyo myaka, si bose biyumvamwo urukundo bivanye, naho bakuriye, n’ ukwo barezwe. Muri iyo myaka aba akiri umwana wa nyina, umwe arenze irembo bategerezwa kumenya iyo agiye. Uwo ntarubanza ashobora kumara wenyene, atajanye n’abo bavukana canke abavyeyi. Aho rero ashobora gukunda akavyigumizamwo, akagira isoni canke agatinya igitsure c’abavyeyi, c’abo bavukana canke c’ababanyi.
Hagati y’imyaka 13-16, urugero rw’urukundo mu mukobwa ruba rutanguye kwaka nk’urubeya. Baba batanguye kugenda biyerekana nk’abakobwa bakuze. Ni imyaka yo kuja mu butinyanka, gusonga amabere eka n’ibindi bimenyetso. Umwana w’umukobwa yibonyeko ivyo bimenyetso, aca atangura gukengera uduhungu bigana mw’isomero, maze bakikundira imisore ibaruta kure. Kuri iyo myaka, umukobwa, aba ashaka kwambara neza, gufita imishatsi, kwama aja ahabona nko mu birabo, mu butambiro n’ahandi kuko bafata nk’abari mw’ihiganwa ry’ubwiza. Muri ico gihe, urukundo rwabo rwerekeza ku bahungu bafise amahera, beza, bazwi cane nk’abaririmvyi, abakinyi b’ibihangange. Arashobora kumubona ku mboneshakure akumva yomubera umukunzi wiwe. Aha rero, nta kibazo c’ejo hazoza ari ku mwe n’uwo yita umukunzi wiwe, amukundira ukwo amubona canke ivyo amubonana.
Hagati y’imyaka 17-20, urukundo rutangura guhinduka. Abakobwa bava mu miryango itifise baba bariko biyumvira uwuzobarihira za kaminuza, maze bagashaka abasore bafise. Ku mwaka 21-25, umukobwa abatanguye guca akenge. Aha yerekeza ku muhungu w’akamaro, bashobora kwubakana, umwe afise imico myiza aho abaye canke afise kazoza. Bwa bwiza canke gukunda uwo babonye ku mboneshakure biragabanuka canke bigahera.
Ku myaka 26-35, ingorane ziratangura, umukobwa ntaba agihitamwo kuko aba atanguye kwihebura, ko abuze uwo bakundana. Indwara zimwe zimwe zitangura kwibonekeza, nko kumeneka umutwe, isevu, kuribwa, eka n’izindi. Aha rero, umukobwa aba amaze kubona ibitari bike mu buzima bw’urukundo: guhebwa n’uwo yakunze, gutwara inda, kwirukanwa iwabo,..Benshi batangura kwipfuza uwoza yitwa umugabo, uko asa kwose, atunga canke akena, gusa yitwe umugabo yoshobora ku murongora. Abarongoranye mw’iyo nzira, ingo zabo haraho zitarama kuko aba yamukunze kuko abuze uko agira.
Cherif Nkeshimana
Messages
27 Munyonyo 2013, 16:51, par HAKIZA
Iyinkuru niyo pe!!,ko mwatubwiye kuvyerekeye Umwigeme tukahamenyera vyinshi tutari tuzi mwakoze cane,nimutubwire kuvyerekeye Umusore nawe muzoba mukoze cane.
27 Munyonyo 2013, 23:16, par samantha
yooo asha ubwo nanj mbe nitegura kurwara munda? ni akamaramaza. imisore yiki gihe ntitworohera kuko baba badukeneyeho akimbere gusa bagaca bakwiheza.
28 Munyonyo 2013, 10:53, par kabura Emmanuel
kubwanje imyaka 35 niyo yari ikwiye kuja mu mategeko y’igihugu cacu kugira umwigeme yubake urwiwe.Niho aba amaze kumenya ibanga ry’urugo kandi twibuke ko bwoba n ’uburyo bwokugabanya imvyaro.umusore nawe yoba imyaka 38,kuko jewe uburyo bundi bwo kugabanya imvyaro sindabukunda cane!
28 Munyonyo 2013, 11:10, par kabura Emmanuel
ku bwanje imyaka 35 yarikwiye kuja mu mategeko kugira umwigeme yubake urwiwe.ku muhungu ho yoba 38 niho baba bamaze kumenya ivyurugo kandi vyotuma bavyara ku rugero.
1er Kigarama 2013, 08:49, par Kabizi
None umuntu yogira iki ngo aronke atararwara?
1er Kigarama 2013, 21:01, par pacifique
kubwanj noremesha abigeme ntibihebure kuk izo ndwara zose biva mumutw,iyubona kugow.hama bamenye ko umugabo nyamugabo umuhabwa n’Imana mugihe yakugeneye.wironderey naho haraho utorohegw muri kazoza.Imana ntacidatanga nukukurema yarakuremy.yisabe numugabo izomuguha kandi muhuza.dodora muzugururigw" saba muzoronka.
22 Myandagaro 2015, 13:01, par JEAN BOSCO
NIYIHANGANE AZORONJA NONE YOKORA IKI? KWATARI BUMWIHE
28 Myandagaro 2015, 09:55, par nshimirimana abdoul
jw niyumvira ko abakobwa naho ariyo mwaka baba barimwo kuva mumwa 13 ubushuh buba butanguy kubafata bashaka abahung babagirira
27 Nyakanga 2015, 22:26, par Ndi Gratien Nyamweru
Ndi Gratien Nifuza Uwo Twokubakana.None Nomutegura Gute?Nomurondera Gute?Rpns Muzaba Mukoze.
9 Nzero 2016, 22:33
NONEKOABAKOBWABATAVUGAKOBAKUNZE PASIKARI
24 Nzero 2016, 09:01, par Bienvenu
Jw Ico Niyumvir Nuk Guhra Kuriy Myak 13 Abkobwa Atarukund Bab Bfise,baba Bshak Gusa Uwo Bohuz Ibitsina Kuk Bab Btanguye Gushuha Cne
23 Rusama 2016, 09:39, par Jamari
Umukobwa Adashukwa Aba Arwaye?
28 Rusama 2016, 08:55, par Emanuel
Ndunva Bitoroshe Mwishwanje
30 Rusama 2016, 15:48, par NIRAGIRA CHASILS
JENDIBAZA KO UMUKOBWA AKUNDA UMUHUGUKURUSHA UKO AKUNDASE CA NKE NYINAWI WE
22 Mukakaro 2016, 20:00, par ALEXANDRE
UMUKB AKWIYE KWIHANGANA BIMUSHIKIYE AKGRA NKA 25a35ans
12 Myandagaro 2016, 05:46, par JONATHAN
ABAHUNGU MUMAZE KUMENYIVYO MWOYE GUKUNDISHUMUBIRI ABAKOBW NINKINGURUBE
25 Gitugutu 2016, 14:07, par Kwizera
Umuhungu nawe bigenda gute?
25 Gitugutu 2016, 20:34, par Jean Marie
Bit.Jewe.Nitwa Jean Marie.Nkundanyenumukobwa.Yasavyekumwenda.Unomusi.Kwitarik.25/10/2016Nkorik.
30 Munyonyo 2016, 08:46, par Felicien Ntamatungiro
None Umuhungu Nawe Bigenda Gute?Kugira Umukobwa Umenyeko Agukunda Wobitahura Gute?
4 Kigarama 2016, 02:39, par Nduwayezu Etienne
Umuhungu Nawe Bigendagute?
21 Kigarama 2016, 20:53, par shadrack
iyo umukobwa atanguyekwiheburayokwihangana
8 Nzero 2017, 19:25, par Queen Belke Briante
Nne Iyumukobwa Arimubutinyanka Bakarangura Amabanga Yabubatse Nuwobakundanye Ntashobora Gusama Inda?
10 Nzero 2017, 13:40, par Joseph
Uwukundwa Canke Uwukunda : Uwugukunda Surya Aguha Ivyagaciro ,ahubwo Nuwumviriza Iciyumviro Cumwumwe Wese.
10 Nzero 2017, 13:43, par Joseph
Uwukundwa Canke Uwukunda : Uwugukunda Surya Aguha Ivyagaciro ,ahubwo Nuwumviriza Iciyumviro Cumwumwe Wese.
3 Ntwarante 2017, 18:49, par Ndayikengurukiye Fabiem
Bite Jewe Nitwa Fabiem Nagomba Kumenya Igituma Umukobwa Akwiyumvamwo Ariko Ntabikubwire?
3 Ntwarante 2017, 18:51, par Ndayikengurukiye Fabiem
Bite Jewe Nitwa Fabiem Nagomba Kumenya Igituma Umukobwa Akwiyumvamwo Ariko Ntabikubwire?
5 Rusama 2017, 00:16, par niyonzima olivier
none wakunze umukobwa ukabimwereka akabibona wamara ukabimubwira ariryoryambere guhura numuhungu nayahe magambo ushobora kumwunvisa kugirango akunve bitagoye ushobokumubwira gut? nsabye imitomu ushoborakumubwira
14 Rusama 2017, 19:06, par ERIC
UMUKUNZI.YEGOJEWENDI.UMUHUNGUNKABANASHAKAKOTWOKUNDANANAWEWEKANDI.IBITEKEREZOVYARYENASHAKAKUZAHITATUBANA.UBUZIMABWANJEBWOSEKUBONABWANGENZEKURYANIWIHANGANE@
23 Rusama 2017, 11:54, par Habimana J . Baptiste
None Umukobwa Ageze Kwubaka
Ab ’afise imyaka Ingahe ?
9 Ruheshi 2017, 22:16, par j.bosco
jew ico ntekereza kuriyonkuru nuko ivyo muvuze ntimwihenz kweri bibaho.nn harya usanga umukobwa avang uwakunz viva kuk?mundose ninyigisho.
9 Ruheshi 2017, 22:37, par niyonzima.croude
9 Ruheshi 2017, 22:37, par niyonzima.croude
12 Nyakanga 2018, 12:42, par Ikizakubuntu Laurent
Andika hano Jewe Dukundany N’ Umukobwa W’imyaka 18 Aguma Ashaka Ko Twakwana Imisi Yos Nagomb Mbaz Non Vyob Ari Ibik? Cank Nofatik?