Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ku myaka ijana, yarangije amashure mato mato kandi ashaka kwiga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ku myaka ijana, yarangije amashure mato mato kandi ashaka kwiga (...)

Ku myaka ijana, yarangije amashure mato mato kandi ashaka kwiga n’ayisumbuye

samedi 29 Ruheshi 2013

Burya mu buzima nta kidashoboka iyo umuntu afise umwete kandi burya baca umugani mu kirundi ngo ntawutanga Imana kwihebura, iyumvire namwe umwete w’uwu mutamakazi.

Umutamakazi yitwa Manuela Hernandez, afise imyaka ijana y’amavuko yavutse mu mwaka w’i 1913, akaba yavukiye mu gihugu ca Mexique co muri Amerika y’amaja epfo yaronse impamyabushobozi y’amashure y’intango mu nyuma y’uko yahevye ivyo kwiga yari yagiye ahagarika kumvo z’ibibazo bitandukanye yagiye ahura navyo mu buzima,nk’uko amakuru dukesha ikinyamakuru 7 sur 7 abimenyesha.

Ibibazo bikomeye uyo mukecuru w’imyaka ijana yahuriranye navyo n’uko yavuye mw’ishure aja gufasha umuvyeyi wiwe kuko yarari mu bukene bukomeye cane ku buryo nyina amuvyara atarakibona ubushobozi bwo kumurihira amahera y’ishure, hamwe no kuronka ivyo amugaburira bikaba intambara ikomeye kubera ubukene bukabije bw’umuryango yavamwo.

Hernandez akimara kubona ibibazo umuryango wiwe urimwo yahisemwo guca
ahagarika amashure yiwe. Mu nyuma y’igihe kirekire ahagaritse amashure, umwe mu bana biwe yamusavye gusubira mw’ishure akiga akarangiza, mbere akazoronka n’urupapuro rw’umutsindo rw’uko yahejeje nimiburiburi amashure y’intango.

Gushika ubu, uwo mukecuru w’imyaka ijana amenyesha ko afise intumbero yo kubandanya yiga amashure yisumbuye kandi agatumirira n’abandi bantu bakuze ko iyo ufise ugushaka vyose biba bishoboka nk’uko nawe yabigerageje akaba yaronkejwe urupapuro rw’impamyabushobozi y’amashure y’intango.


Joel sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.