Accueil > Diaspora > Umukuru w’igihugu yoba yemeye kutazokwitoza mu kiringo ca gatatu
Umukuru w’igihugu yoba yemeye kutazokwitoza mu kiringo ca gatatu
mercredi 2 Ndamukiza 2014
Abarundi bo mu makungu babandanya kugira imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Amakuru avugwa, n’uko Petero Nkurunziza yoba yemeye, aho ari mu rugendo mu gihugu c’Ububirigi, ko atazokwitoza.
Inyuma y’imyiyerekano y’abarundi bo muri Reta zunze ubumwe za Amerika, hamwe n’iy’abarundi bo muri Canada, ku munsi w’ejo kuwa kabiri, abo mu gihugu c’Ububirigi bagiriye imyiyerekano imbere y’inyubakwa ikoreramwo ishiramwe ry’ubumwe bwa buraya. Mu vyandiko abari mu myiyerekano bari bitwaje, basaba ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yovavanura n’ukwitoza mu kiringo ca gatatu c’ukurongora Uburundi, kubera vyoba biciye kubiri n’amasezerano ya Arusha avuga ko ikiringo c’ugutwara igihugu c’Uburundi kidashobora kurenga imyaka cumi. Muri iyo myiyerekano, abo barundi bo mu bubirigi n’ibindi bihugu basavye ko ubutegetsi bw’i Bujumbura bwokwubahiriza ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro, kandi buhagarike ihohoterwa rya kiremwa muntu rikorwa n’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD.
- Imyiyerekano y’abarundi mu gihugu c’Ububirigi
Ntawuramenya namba umukuru w’igihugu yoba yumvise akamo k’abarundi bo mu makungu, hamwe n’abo mu gihugu. N’aho ata mutegetsi aravyemeza, amakuru ariko aravugwa, n’uko Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi, mu rugendo arimwo, yoba yiyemereye ko atazosubira kwitoza mu kiringo ca gatatu. Ayo makuru amenyesha ko Petero Nkurunziza yoba yemeye ko umugambwe CNDD FDD uzoserukirwa n’uwundi munyamugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2015.
Egide Nduwimana
Messages
2 Ndamukiza 2014, 15:09, par humura
okay niba arivyo vyoba ari vyiza canee ... sinzi ngira abo muri ADC ikibiri boca biruhutsa ... ariko batsinzwe nukuri vyontangaza cane... ayomakuru muyatohoze neza hanyuma mwandike inkuru yukuri atari ibihuha ....
2 Ndamukiza 2014, 16:03
Iyo ni poisson d’Avril.
2 Ndamukiza 2014, 16:35, par ndahimbawe
Nyakwubahwa, NKURU gira impundu n’impuzu.urakoze kudadanura ivyadaditswe n’uwigize umuvugizi wawe atavyo wamutumye(gwarudo NDUWI). Yari yakugaye yibaza ngo uri sourd-muet. KOMERA MUTAMA WACU
2 Ndamukiza 2014, 16:35, par ndahimbawe
Nyakwubahwa, NKURU gira impundu n’impuzu.urakoze kudadanura ivyadaditswe n’uwigize umuvugizi wawe atavyo wamutumye(gwarudo NDUWI). Yari yakugaye yibaza ngo uri sourd-muet. KOMERA MUTAMA WACU
2 Ndamukiza 2014, 17:10, par MIBAYA
Yashoboye kubona ko ataco yamariye Uburundi n’abarundi. C’est peut être le début de la fin du CNDD FDD
2 Ndamukiza 2014, 19:22, par Ntawuzahihera
Ivy’uburundi turabimenyereye, nivyo tuzovyemera avyikuriye mu kanwa kiwe.
2 Ndamukiza 2014, 19:28, par humura
ni ububeshi nabitohoje ntavyo yavuze kandi mube mwandika ivyo mwatohoje apana ibihuha.
2 Ndamukiza 2014, 20:51, par munusu?
wirambire.mutamankurunziza.birazwiko.arakagwikabantubakeya.batoberanubutegetsi.arikokubwawentakabikawe.ubumushinngantahe.urabeko.uzoburicubahiro.arikukadadaza?sinoguhendanumwanayokugaya.kandindakubwirebibiriyavugango.umntu.ntakwiyegucumuzwanakamanyukumutsima.icogihugu.nikokamanyukumutsima.nibizokwirikira.uzogumewerekana.ubushingantahe.kandintacobazokugira
2 Ndamukiza 2014, 21:29, par Muco
Imana ihezagire umukuru wigihugu yashimye ko Ukuri(umuco)utsinda ububeshi(umwijima)
2 Ndamukiza 2014, 21:45, par Bumwe
Tubwire ikinyamakuru canke radio yabivugiyeko kugira tuvyemere kuko benshi ivyo bemera bari hanze bageze mugihugu bavuga ibindi.muzompinyuza kuko nimba yarindiriye kwurira indege kugira abishikirize mugihugu huzuye ama radio muzobimubaze ashitse mwumve ko atabihakana
2 Ndamukiza 2014, 23:46, par kibwa
Basha nimba yavyemeye yoba yishubije umutamana kirazira gufuta ibwirizwa shingiro ryagarukanye Amahoro mugihugu aho yobatazokwitoza vyopfuma turindire
3 Ndamukiza 2014, 07:51, par secila
koyemeye koatazotwara ikiringo cagatatu agiyeye kuzoba imuhuza koko nkuko yamye azohora abangabanganwa na Buyoya Mumakunguabagenzi numutima vya muhanuye neza Imana Imuhezagire
27 Ndamukiza 2014, 11:48, par valence bertrand
N’ukuri nkurunziza yitojeje ubugira gatatu yoba agineza arik bidakunda naho yoreka hakitoza abandi kuko naho atokwitoza umugambwe wiwie utegerezwa gutsinda!!!!!!
8 Ruheshi 2014, 11:09, par Kigongwe
Ndamushimiye cane ariko nimba vyukuri yemeye kutazokwitoza bamuhe abamucungera atari barya bari mugambwe umwe kuko barashobora kumugirira nabi kuko murundi ntakabi kiwe ahubwo akoresha amakosa nabo bari kumwe nayo we niyirambire.
30 Gitugutu 2014, 20:03, par leon
Ashiiiiiiiiiiiiiiiiiii turiruhukize abarundi. Kubona umukuru w,igihugu atagovye kuzana nosence mu gihugu
30 Ndamukiza 2015, 19:59, par Jmb
Murugendo Ubuserukizi Bwo Muri Amerika Ivyo Bavuganye
30 Ndamukiza 2015, 20:00, par Jmb
Murugendo Ubuserukizi Bwo Muri Amerika Ivyo Bavuganye