Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umwigeme wo muri Afrika yatowe "Miss Monde 2014"
Umwigeme wo muri Afrika yatowe "Miss Monde 2014"
lundi 15 Kigarama 2014
Ku ncuro ya 64, mu gisagara ca Londres mu Bwongereza haraye hatowe umwigeme wa mbere mwiza kw’isi "Miss Monde 2014". Uwatowe uno mwaka avuka mu gihugu ca Afrika y’Epfo, asubiriye Mega Young yatowe Miss Monde mu mwaka w’2013.
Avuka mu gihugu ca Afrika y’Epfo, afise imyaka 22 akaba yiga muri kaminuza igisata c’ubuvuzi "Médecine". Rolene Strauss yaraye atowe kuba "Miss Monde 2014" afise uburebure bwa 1,77, mu buzima bwiwe yikundira umuziki n’ukwinonora imitsi. Yatowe mu bakobwa 121 bavuye bihugu bitandukanye vyo kw’isi, biserukirwa n’umwigeme umwe. Rolene Strauss yakurikiwe na Miss Edina kulcsar yabaye "1ere Dauphine" na Elizabeth Safrit "2eme Dauphine".
Rolene Strauss ahejeje gushikiriza ijambo ko iryo teka ryitiriwe igihugu ciwe, yaciye avuga ko urugendo rwa mbere azorugira mu gihugu ca Honduras aho Miss waho Maria José Alvarado n’uwo bavukana Sofia Trinidad Alvarado baherutse kwicwa barashwe. Rolene avuga ko azoca ahubaka ishuri rizobitirirwa.
Cherif Nkeshimana
Messages
15 Kigarama 2014, 17:58, par Djuma
ariko hari ibintu bintwenza kontari nunva umugabo kw’isi mwiza izi ninkino zashitani nibaka duhende