Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urutonde rw’uko imirwi nserukirabihugu izohura mu nkino za CAN (...)
Urutonde rw’uko imirwi nserukirabihugu izohura mu nkino za CAN 2015
jeudi 4 Kigarama 2014
Ku ncuro ya mirongo itatu (30ème édition) hakinwa igikombe ca CAN, haraye hasohotse urutonde rwerekana uko imirwi izohura. Nta gihugu na kimwe co mu karere ka Afrika y’Ubuseruko kizohiganwa muri izo nkino.
Mw’ijoro ry’igenekerezo rya 03 niho umukuru w’igihugu ca Guinnee Equatorial Teodoro Obiang Nguema na Issa Hayatou arongoye ishirahamwe ry’Afrika ry’umupira w’amaguru(CAF) batanguza igikorwa co gupanga imirwi (poules). Inkino zizohuza imirwi nserukirabihugu 16 bigabuwe mu mirwi ine (poules).
Inyuma y’ico gikorwa, urutonde rw’uko imirwi nserukirabihugu izohura ni uku gukurikira :
Umurwi A
Guinée équatoriale
Gabon
Burkina Faso
Congo
Umurwi B
Zambie
Tunisie
Cap-Vert
RD Congo
Umurwi C
Ghana
Algérie
Afrique du Sud
Sénégal
Umurwi D
- Cote d’Ivoire
- Mali
Cameroun
Guinée
Inkino za CAN ziba uko imyaka ibiri (année impaire) iheze, zikaba ziheruka kubera mu gihugu ca Afrika y’epfo mu mwaka w’i 2013, Nigeriya yatahukanye igikombe itsinze Burkina Faso kimwe ku busa (1-0).
Mwomenya ko inkino zizotangura kw’igenekerezo rya 17 Nzero gushika kw’igenekerezo rya 08 Ruhuhuma mu gihugu ca Guinée Equatoriale, mu gihe hari habuze igihugu cemera kwakira izo nkino kubera ikiza c’indwara ya Ebola. Nta gihugu na kimwe co muri Afrika y’Ubuseruko cashoboye gushika muri ayo mahiganwa.
Cherif Nkeshimana
Messages
4 Kigarama 2014, 19:35, par Girukwayo Pierre
Ha,umupira Ntandero Ugira Pe!Kubona Igihugu Catwaye Ico Gikombe Ca Can Arico Nigeria Kitaronse Amahirwe Yo Kujamwo Ni Akamaramaza.