Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega : Abanyagihugu basabwa gutanga amafaranga bakorerwe amabarabara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega : Abanyagihugu basabwa gutanga amafaranga bakorerwe amabarabara

Gitega : Abanyagihugu basabwa gutanga amafaranga bakorerwe amabarabara

jeudi 6 Munyonyo 2014

Kuva mu mwaka w’2010, abanyagihugu baba mu gisagara ca Gitega baratanguye gutanga amafaranga yo gukora amabarabara mu buryo bwa kijambere, bwo gusasa amabuye hasi.

Muri uwo mugambi ufashwa mu mugongo n’ibanki y’isi yose, abanyagihugu baterera ibice 2 kw’ijana, ibanki y’isi yose ikabaha 98 kw’ijana. Gushika mu mwaka w’2013, abanyagihugu bo mu ma karitiye atandukanye y’umurwa mukuru w’intara ya Gitega, bakaba batari bwatange amafaranga yasabwa kugira bakorerwe amabarabara ku buryo bwa kijambere. Monfort Bigirimana, umuhanuzi wa buramatari wa Gitega ajejwe iterambere, akaba ahumuriza abanyagihugu ko abamaze gutanga amafaranga, ubu ari mu kigega ca PTPCE, ariko akabandanya asaba abanyagihugu bataratanga ayo mafaranga ko boyashikana vuba, kugira bakorerwe amabarabara nk’abandi bo mu bindi bisagara.

Avuga ko umugambi wo gukora amabarabara yo mu gisagara ca Gitega, ari umugambi ntabanduka, uherana n’umwaka w’2015. Igisagara ca Gitega kikaba kigira kabiri havuye Bujumbura, umurwa mukuru w’Uburundi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.