Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kuba mu munezero nyakuri vyoba bikomoka kuki?
Kuba mu munezero nyakuri vyoba bikomoka kuki?
vendredi 21 Ntwarante 2014
Umunezero ufise insiguro zitandukanye bivanye n’umuntu wese. Hari abavuga ko kuba mu munezero, ari kuba mu gihugu kirimwo amahoro n’umutekano, hari abavuga ko ari ukubaho ufise umukunzi agutahura, hari n’abavuga ko ari ukubaho ufise amagara meza, abandi bavuga ko, ari kuba uri umuntu ava mu muryango wifise, hari n’abavuga ko kuba mu munezero ari kuba mu buzima uronka ico wipfuza cose.
Uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 21 Ntwarante, kw’isi yose barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kugira umunezero. Ikinyamakuru IGIHE kikaba cashimye kugaruka ku bijanye n’ukungene abantu baha insiguro umunezero, mu mibereho yabo n’ico abahinga mu bijanye n’inyifato babivugako.

Umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki moon, mw’ijambo ryiwe ryo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umunezero yagize ati: “Umunezero si ikintu kigurwa amafaranga, gitangwa nk’imfungurwa canke gishobora gutirwa nk’imodoka, ariko n’ikigumbagumba kiri m’umuntu. Umuntu ashobora kuronka ico cose yipfuza mu buzima ( ubutunzi, umuryango mwiza, urukundo, amagara meza, icubahiro canke kwemerwa hose) ariko ntaronke umunezero”.
Umunezero nturaba imyaka, nturaba igitsina, nturaba igihugu umuntu aba arimwo, nturaba urukoba rw’umuntu canke amoko umuntu aturukamwo. Umunezero, umuntu wese afise ububasha n’uburenganzira bwo kuwiha canke kuwiyima. Abahinga mu bijanye n’inyifato n’imibereho ya buri muntu, bakoze ubushashatsi ku bijanye n’umunezero, bavuga ko umunezero uterwa n’ibi bintu bitatu: Ugutekanirwa mu vyiyumviro (Calme mental), agatima muntu (conscience) hamwe n’ihindagurika ry’ivyo umuntu yemera (changement de convictions). Abo bahinga bavuga ko naho umunezero ugoye kuronka, ni ikintu kidashoboka k’uwuvyipfuza wese, kuko ata kintu bisaba kugira umuntu awugire.

Bati: “ Umunezero umuntu arawiha. Nihagira umuntu yitega ko azoronka umunezero mpaka aronse ivyo yari yipfuza, ntazigera awuronka”. Ingorane ihari ku bijanye no kugira umunezero, n’uko abantu bawuronderera kure, gushika naho basesagura amatungo yabo kandi bari bawufise muribo.
Abashakashatsi mu bijanye n’inyifato bavuga kandi ko kuba mu munezero bitandukanye no gutwenga, kuko umuntu ashobora kugaragaza ikigumbagumba co gutwenga ariko muriwe atanezerewe namba. Kuba mu munezero, ni ukwiha amahoro muri we, kureka ayo mahoro akagaragara, kwumva ko utekanye muri vyose, naho ico wari wipfuza utakibona hafi. Ni ukugira ivyizigiro (esperance) ko ejo hawe ari heza, ko ata nkeka ko naho utoronka ico ufungura, umutima uzoguma utekaniwe”. Umwansi w’umunezero nawo canke igihushane cawo, akaba ari ukwipfuza ico utari buronke.
Tubibutse ko no mugisata c’ubuvuzi, bemeza ko kugaragaza umunezero uri muriwe ari ryosoko nyakuri ry’amagara meza kandi arama.“Umutima wama unezerewe, utuma n’amagufa yo mu mubiri akomera gusumba”.
Mariella Bukuru
Messages
21 Ntwarante 2014, 16:27, par IRAKOZE EMERY TRESOR
Koko nivyo umunezero umuntu arawiha kandi nokubizera ko vyose bishoboka kandi bishobokera umuremyi wavyose,umuntu yizeye izina ry’Imana yizera adakekeranya ko vyose arivyuhoraho akiha amahoro mumutima ariho hava umunezero.merci
1er Ndamukiza 2014, 12:26, par KAZADI
Umunezero w’ivyisi umuntu arashobora kuwiha gusa n’akanya gato!! akarorero gusambna.