Accueil > Imico kama > kubera iki ibanga ry’ubushingantahe ririko rirata agaciro
kubera iki ibanga ry’ubushingantahe ririko rirata agaciro
samedi 1er Kigarama 2012
Ku ntwaro ya Cami, abashingantahe bari bafise ikibanza gishimishije ariko muri kino gihe ibanga ry’ubushingantahe ririko riratituka. Abahinga bavuga ko ari kubera iryo banga ririko rihabwa intumbero ya politike.
«Umuntu yosigura gute igituma haguma haba ubwicanyi, ivyaha bitandukanye, akarenganyo mu banyagihugu kandi ku misozi yose hari nimiburiburi abashingantahe barenga 20 ?», ico ni ikibazo umutama Nestor yibaza. Ayo ni nayo makenga yibonekeza iyo umuntu avuze ijambo’’abashingantahe’’ bategerezwa guzuriza bose.
Ikinyamakuru Iwacu kibona ko ico kibazo kitoroshe kuko intwaro ya Cami yaciwe mu Burundi bigatuma n’iryo banga ry’ubushinhantahe ritituka kandi aribo bamwe bubahiriza mu banyagihugu kuva na kera na rindi.
Inyuma y’ukwikukira kw’u Burundi mu mwaka w’1962, intwaro za gisirikare zagiye zirakurikira zihaye ububasha bwose harimwo n’ubw’ubutungane bigatuma n’abashingantahe bataronka ikibanza kibereye. Kukaba nkako guca imanza ku mitumba vyari ivy ‘ubutegetsi gusa bwari bwiganjemwo umugambwe UPRONA.
Kera abashingantahe batirwa muri iryo banga ku ntwaro y’umugambwe umwe watwaye imyaka irenga 25 kuva mu 1966, abashingantahe ikibanza cabo cagiye kiratituka bukebuke gushika aho n’abatware bo hasi bashaka kubarengera mu guca imanza nk’uko umuhinga muri kahise Christine Deslaurier yabivuze.
Hoba harimwo intumbero ya politike
Aloys Batungwanayo, umumenyeshamakuru yize ivya kahise,avuga ati ’’Ibintu vyatanguye kunyuka igihe hatangura kujaho amashirahamwe ahuza abashingantahe. Umushingantahe yategerezwa kwatirwa mu migenzo y’ikirundi kugira atunganirize bose ahari hose kandi ataravye nkunzi. Yategerezwa gutorwa n’abanyagihugu aho gutorwa n’ishirahamwe kanaka’’.
Yongera kumenyesha ko kuronka urupapuro rw’umutsindo bidasigura kuba umushingantahe nk’uko umukuru w’igihugu Jean Baptiste Bagaza yari yarabivuze kuri reta yiwe mu myaka y’1980. Asigura ko kugira ubumenyi bwo mw’ishure bidasigura kugira ubukerebutsi bwo gutunganiriza no kuzuriza abatase.
Kwitwa umushingantahe muri kahise vyasigura kuba uri mu mugambwe UPRONA, aho niho havuye ko bamwe bamwe banka kwitwa abashingantahe kugira berekane ko atari abanywanyi b’umugambwe UPRONA, bagaca bashima kwitwa umugabo gusa.
Kuva mu mwaka w’2005, ibintu vyagiye birunyuka cane kuko hari abatowe ku mitumba barengera abashingantahe mu guca imanza no gutunganiriza abanyagihugu, gutyo abashingantahe n’abatowe ntibumvikane. Intwaro isa n’iyidatorera neza umuti ico kibazo kuko ubutegetsi buvuga ko abatowe n’abanyagihugu bashoboye gukora ivyahora bikorwa n’abashingantahe.
Pierre Claver Niyonkuru