Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kugona(guhirira) vyoba biva kuki? Umuntu yovyirinda gute?
Kugona(guhirira) vyoba biva kuki? Umuntu yovyirinda gute?
mardi 12 Rusama 2015
Abantu benshi baribaza ico kugona bivako bikabasiga kuko iyo umuntu agona arashobora kubuza uwundi gusinzira. Ivyo rero biratera ingorane kuba ryamana harimwo uwugona.
None kugona biva kuki?
Iyo umuntu aryamye ururirimi rumera nkurusokorotse co kimwe na ka kantu bita "akarimi" kari hejuru y’ururirimi nako karirekura. Iyo rero impwemu zitariko zisohoka neza ziva mu mahaha zije ari nyishi zikubita kuri ka karimi ari naho rero hava guhirira. Zimwe mu mvo zishobora gutuma umuntu ahirira canke agona ni: Ubuvyibuhe cane cane bwo mw’izosi, kunywa inzoga nyinshi imbere yo kuryama, gufata imiti isinziriza, indwara zipfunganya amazuru nk’ama sinesites canke ibicurane, eka izo ndwara zose zituma umuntu adahema neza.
Ibintu bishobora kugufasha kutagona(Guhirira)
1) Kuryamira uruhande canke akabavu:
Abahinga bavuga ko kenshi na kenshi hagona umuntu aryamye agaramye canke yubitse inda
2) Kuryama ugoroye izosi
Iyo umuntu aryamye asa n’uwubitse umutwe canke azinze izosi bituma impwemu zidsohoka neza ari nayo ntango yo kugona. Ni vyiza ko uryamye wogororora izosi aho wumva ko uriko uhema neza.
3) Kutanywa inzoga nyinshi n’imiti isinziriza:
Iyo umuntu yanyoye inzoga nyishi bituma ahema cane kandi ururirimi rurirekura bigatuma impwemu zidasohoka neza.
4. Kwivuza ibicurane, sinesutes canke indwara zigutuma upfungana amazuru
5. Kugabanya Ibiro kuko kuvyibuha bituma umuntu agira ibiro nko mw’izosi
Cherif Nkeshimana
Messages
12 Rusama 2015, 20:56, par David
Iyinkurunza
12 Rusama 2015, 20:57, par David
Iyinkuruninziza
13 Rusama 2015, 09:10, par nkunzitora
Abana nabobigndagte
14 Rusama 2015, 06:33, par BINTUNIMANA JEAN DE DIEU
MWARABESHE UMUNTU ARAGONA KANDI AKITSURUBAVU
14 Rusama 2015, 08:57, par Iracyatureba Polikron
Muraho neza?mbashimiye icocegeranyo mutugejejeko.harico nanje ngirango muzancakire,uburwayi bwokutumva ibihumura nibinuka,ese vyaba byo biterwa niki?ese vyakira ese hakorwa iki kugira ngo vyirindwe.murakoze.
14 Rusama 2015, 14:28, par queen
Vyukuri umuntu
Azi k ahirira.nakurikize izompanuro.ntibabeshe kuk birarusha kuryamana numunt ahirira.
14 Rusama 2015, 22:09, par Picasso
Ash ego vremnt iyo birimwo mu bibitera
14 Rusama 2015, 22:09, par Picasso
Ash ego vremnt iyo birimwo mu bibitera
17 Rusama 2015, 15:04, par fabrice
Mahamadi ya bivuze kera uko umunt akwiy guryam kand ni uko mubivuga namw
27 Rusama 2015, 19:07, par claude
Turabashimira cane kubitekerezo muduhaye ariko akabozo ngr ndababaze mb harya umuntu ahumeka impemu zinuka biva kuki?bitegwa no kutagra sport?cank kutoza amenyo bikwiriye?
28 Rusama 2015, 14:38, par Abias
Murakoze can kukuntu muguma muduha ibigezweho.
29 Rusama 2015, 21:10, par Jean Bosco Jelly Bucumi.
Mwariz Muratahur Vrmt!!
4 Ruheshi 2015, 05:34, par JEAN DE DIEU
MUrakoze Kunyigisho Nziza Muduhaye
22 Rusama 2018, 11:44, par Dusabe Dieudonné
Jewe Mfise Ingorane Yo Guhirira Ndyamye Rero Abo Turarana Baravugako Mpirira Cane. Muga Haraho Mara Imisi Ntahirira Naho Bikara Cane, Impanuro Nasomye Ndazikurikiza Muga Ntibihera. Mumbonera Ubu Nokoriki? Ikindi Naco Nshaka Mumfashe Ukunt Nokira Itiro Rimfata Ndi Mwishure Kuk Vyarananiye Kwiga Kubera Itiro Kuk Nguma Nsinzira Sinkurikira Umwarimu.