Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kugona(guhirira) vyoba biva kuki? Umuntu yovyirinda gute? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kugona(guhirira) vyoba biva kuki? Umuntu yovyirinda gute?

Kugona(guhirira) vyoba biva kuki? Umuntu yovyirinda gute?

mardi 12 Rusama 2015

Abantu benshi baribaza ico kugona bivako bikabasiga kuko iyo umuntu agona arashobora kubuza uwundi gusinzira. Ivyo rero biratera ingorane kuba ryamana harimwo uwugona.

None kugona biva kuki?

Iyo umuntu aryamye ururirimi rumera nkurusokorotse co kimwe na ka kantu bita "akarimi" kari hejuru y’ururirimi nako karirekura. Iyo rero impwemu zitariko zisohoka neza ziva mu mahaha zije ari nyishi zikubita kuri ka karimi ari naho rero hava guhirira. Zimwe mu mvo zishobora gutuma umuntu ahirira canke agona ni: Ubuvyibuhe cane cane bwo mw’izosi, kunywa inzoga nyinshi imbere yo kuryama, gufata imiti isinziriza, indwara zipfunganya amazuru nk’ama sinesites canke ibicurane, eka izo ndwara zose zituma umuntu adahema neza.

Ibintu bishobora kugufasha kutagona(Guhirira)

1) Kuryamira uruhande canke akabavu:

Abahinga bavuga ko kenshi na kenshi hagona umuntu aryamye agaramye canke yubitse inda

2) Kuryama ugoroye izosi

Iyo umuntu aryamye asa n’uwubitse umutwe canke azinze izosi bituma impwemu zidsohoka neza ari nayo ntango yo kugona. Ni vyiza ko uryamye wogororora izosi aho wumva ko uriko uhema neza.

3) Kutanywa inzoga nyinshi n’imiti isinziriza:

Iyo umuntu yanyoye inzoga nyishi bituma ahema cane kandi ururirimi rurirekura bigatuma impwemu zidasohoka neza.

4. Kwivuza ibicurane, sinesutes canke indwara zigutuma upfungana amazuru

5. Kugabanya Ibiro kuko kuvyibuha bituma umuntu agira ibiro nko mw’izosi


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.