IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kujabutswa ibarabara harihishwa amafaranga ijana

Kujabutswa ibarabara harihishwa amafaranga ijana

mercredi 17 Ndamukiza 2013

Mu gihe haheze iminsi hagwa imvura y’isegenya mu mihingo itandukanye y’igihugu ikonona ibitari bike, aha twovuga nk’amashure amazu, imirima n’ibindi, kuri uyu mugoroba amabarabara ntiyasigaye inyuma.

Imvura yaguye kuri uyu muhingamo wok u genekerezo rya 17 Ndamukiza 2013 yasibije amabarabara yo mu gisagara ca Bujumbura. Uruja n’uruza ntirworoshe kuko amabarabara yari yuzuye amazi ku buryo kujabuka ibarabara bitari vyoroshe.
Imisore yari aho niyo yajabutsa abantu, babanje kuriha amafaranga 100 canke 200, uwutashoboye kuyaronka canke uwugize isoni z’uguhekwa niyo misore yagwa muri ayo mazi kuko benshi ntibashobora kumenya ahatumbereye ibinogo biri muri iryo barabara kugira bahasimbe. Abapfasoni bageze muzabukuru cane cane nibo barwamwo mu gihe baba bashaka kujabuka.

JPEG - 43 ko

Ibarabara ryitiriwe Patirisi Lumumba, ushitse munsi ya posita niho hari huzuye amazi. Abava muri Karitiye Aziyatique baja kunyubakwa ndangakaranga (palais des arts) ntiborohewe na gato, kuko ari naho hari huzuye amazi.

JPEG - 47 ko

Abanyagihugu bari ngaho basaba ababijejwe kwitaho ikibazo c’amabarabara yo mu gisagara kuko muri iki gihe c’imvura imicafu yose ica yireka mu mazi yateze, indwara nazo nka kolera n’amacinya bigaca vyiha inkumbi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.