IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kuki bamwe bagiriza Reta guturira isoko nkuru ya Bujumbura?

Kuki bamwe bagiriza Reta guturira isoko nkuru ya Bujumbura?

lundi 27 Nzero 2014

Mu rugendo rwagizwe n’amashirahamwe yishinze kurwanya ubuzima buzimvye mu Burundi muri amwe mu masoko agize igisagara ca Bujumbura, biboneye ko ayo masoko adakingiwe, ku buryo umunsi hosubira kwaduka umuriro muri ayo masoko, ata kibuza ibidandazwa vyohatokomberera, ivyo bakaba babikoze inyuma y’umwaka isoko nkuru ya Bujumbura ihiye igahinduka umunyota.

Haba mw’isoko yo mu Ruvumera canke isoko yo kw’i Jabe, izo zose bikaba vyaboneka ko zifise utuyira duto, kandi twaga ku buryo za modoka zizimya umuriro zdashobora kuronka aho zica, kugira zishobore kuzimya umuriro wokwaduka. Ivyo rero nk’uko vyashikirijwe na bamwe mu badandaza, bakavuga ko bafise amakenga, kuko ayo masoko adakingiwe uko bikwiye. Ibidandazwa rero bikaba vyanze mu mabarabara nyezina yinjira mw’isoko, ibituma na nya tuyira duca twaga bidasanzwe.

Gaburiyeri Rufyiri arongoye OLUCOM

Kubwa Kaburiyeri Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Reta, rikaba riri no muri ayo mashirahamwe ariko ararwanya ubuzima buzimvye, avuga ko Reta atakintu kigaragara iriko irerekana ku bijanye n’ugukingira ayo masoko, kuko hari n’ayandi masoko yahiye nk’isoko ya Gitega, Ngozi, Kirundo, Kamenge, Jabe, Kayanza, n’ayandi. Kuri ayo yose, Reta ikaba yari ikwiye kuhakura icirwa, amasoko agakingirwa, nk’uko yabandanije abishikiriza.

Muri urwo rugendo rero, abo bari mu mashirahamwe yishinze kurwanya ubuzima buzimvye, akaba yashitse n’ahariko harubakwa isoko yo kuri COTEBU, isoko bivurwa ko ariyo izimukiramwo abahuye n’ivyago, bamwe ubu bayerera aha na hariya, abandi nabo, ugasanga badandaza basiganwa n’abaporisi, aho tumwe mutwo badandaza twama twasheshwe, utundi ntibamenye tukazimira amazimayongwe.

Amakenga kuri abo bari muri ayo mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike akaba ari menshi, ku buryo iyo soko yo kuri COTEBU yubatse. Baremeza ko ubushuhe buzoba bwinshi cane ku banyagihugu, kuko iyo soko ari ngufi, eka bica vyunyurwa n’uruzitiro ruyikikuje. Bavuga ko uravye iyo soko yo kuri COTEBU uko yubatse, ukaraba n’imiriyaridi zibiri bivugwa ko arizo zayihereyeko, bigaragara ko uburyo bwoba butatunganijwe neza, ari naco gituma ukuri kwoja ahabona, amafaranga yayubatse akamenyekana neza. Abajejwe ibikorwa rero vyo kuyubaka, yaba umukuru w’igisagara ca Bujumbura, umuyobozi wa SETEMU, umuyobozi w’inyubakwa za Reta bagasabwa gutanga umuco. Basaba Reta y’Uburundi guheraheza mu maguru masha iyo soko yo kuri COTEBU, kugira abanyagihugu bagishwiragiye mu mabarabara, bahebe baronke aho bicara.

Muri ivyo bikorwa vyaciye bikurikirwa n’ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru, abo bari muri ayo mashirahamwe bakaba batibagiye gushimira igihugu c’Urwanda, ingene cakerebutse mu gufasha kuzimya iyo soko, n’aho atacaharokokeye. Ariko bakababazwa n’uko icaturiye iyo soko kitaramenyekana, bishobora kuzotuma abibaza ko yaturiwe n’ubutegetsi bizobaguma mu mutwe, mu gihe atamatohoza nyayo atarerekanwa.

Hakaba hari na bamwe bisunga amajambo yavuzwe na bamwe mu banyacubahiro bari muri Reta irongowe na Petero Nkurunziza, aho hari uwavuze ko iyo soko yahiye ku bugombe bw’Imana (Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu), uwundi munyacubahiro nawe araheza avuga ko bazoca baboneraho akaryo ko kwubaka isoko ya kijambere (Gerevazi Rufyikiri icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu). Bamwe mu banyagihugu nabo, bavuga ko iyo soko batevye kuyizimya, mu gihe na za kizimyamwoto zaheruka kwerekanwa kuwa mbere Mukakaro, uwo munsi vyasa n’aho umenga zari zapfuye, eka kandi akaba ata n’icegeranyo kiraja ahabona, kugira gihinyuze abagiriza iyo soko Reta.

Abari mu mashirahamwe yo kurwanya ubuzima buzimvye bariko bibuka umunsi isoko ya Bujumbura isha, igatokombera

Aristide Nizigire

Messages

  • bararituriye kuko kirya kibanza CNDD yamaze YAMAZE GUTEGURAKO ARIHO Piter azubaka inzu ya etage nini kugira yiganzure Domitien Ndayizeye(Former President) na ya white stone yiwe.

  • Birya n’uruyoya rwobivuga ko aribo bayituriye. Uravy ama videos ukabona akanyamuneza Nyabenda yari afise atwenga igitabura munwa, warumvis ivyo Nizigama na Nduwimana bavuz biragaragara ko yaturiw n’abo nyen ba nsumirinda bashaka kwuzuza imifuko yabo isinzi y’abandi benegihugu bariko baricwa na kigoyi.Raba ayo mazu bubaka uc uraba abantu bicwa n’inzara.Uburundi nico gihugu ca mbere kw’isi nzima abantu barya ntibahage. Ariko ugaca uraba ayo mazu y’ama milliards birirwa barubaka ayo mahre ariyo yomaz ubukene abanyagihugu. Birateye agahinda.

  • Mwotumenyera iyo nzu izitwa gute?Harakenewe kwandikwa Kahise k’Uburundi!

  • Amabi akorwa canke ashikira igihugu cacu, arababaje kandi ntawoyasabirako. Kibi mbona, ni uko benshi babigiz’umwuga w’uburyo baca babirondera mwo inyungu zabo bwite. Ibi bikaba, ku ruhande runini, vyavuye kwiyonjorora kw’Imigambwe mu matora y’i 2010. Ndetse ububegito n’amatiku y’abategetsi bamwe bamwe, nibaza ko hari abantu benshi baca ku ruhande bagakora ubwo bubisha mu guturira ayo masoko no kwica abantu kugire bavyegeke ku Mugambwe urongoye igihugu. Ibi birumvikana, koko ikintu cose kibaye, Leta ibwirizwa guh’umuco benegihugu kimwe no gutora inyishu yaco. Ku bijanye n’iryo turirwa ry’amasoko ku minsi y’Imana, hakwiye gukingirwa hama n’ibihano vy’akarorero kuri uwo wese afashwe muri ubwo bubisha. Kwama bavuze inyuruzwa ry’amahera, nibaza ko Rufyiri na Nininahazwe boshinga ikigega. Sinzi ko baheba ONG zabo zibazanira umukimba/ivyatsi vy’amahera.

  • niyu.nvirakoyobayatu riwennanizima

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.