IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kuki igiporisi na Reta bata umwikomo ku bamenyeshamakuru mu (...)

Kuki igiporisi na Reta bata umwikomo ku bamenyeshamakuru mu myiyerekano?

mercredi 29 Ndamukiza 2015

Kuva imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza itanguye, iminsi ine irumanye neza, abamenyeshamakuru icenda baramaze gukubagurwa riva, ibinyamakuru navyo birugarwa, ku murango riva, abantu basemerera.

Abamenyeshamakuru bakorera ibinyamakuru vyigenga icenda , baramaze gukubagurwa, abandi nabo hagaterwa imiryango yabo, iryo kubagurwa ryatanguye kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 27 Ndamukiza. Umukuru w’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru Alexandre Niyungeko yarakubaguwe n’abaporisi bari kumwe n’abakorera urwego rw’igendereza, abapfasoni Anais Niragira w’imboneshakure Renaissance na Josiane Muzaneza akorera RPA bakaba bakubaguriwe imbere y’amamicro yabo bariko batanga ikiganiro ku munsi wa mbere igenekerezo rya 27 Ndamukiza, bakubitwa n’abakorera urwego rw’igendereza.

Bukeye bwaho, wamenga ni isekeza ry’ugukubagura abamenyeshamakuru. Eloge Willy Kaneza, Landry Gakuba, Gildas Yihundimpundu n’umudereva wabo, bose bakorera BONESHA FM bakuwe mu muduga n’urwaruka rw’Imbonerakure muri komine ya Kanyosha, harimwo n’abari bafise ibirwanisho, abo bamenyeshamakuru bakubagurwa musitanteri w’iyo komine abona, mu nyuma aca akura meza. Ku muhingamo w’uyo munsi wa kabiri nyene, abaporisi binjiye mu nzu y’umumenyeshamakuru Hermes Ntibandetse akorera RPA, aho asanzwe aba imwe inzugi z’inzu zarabomowe, abashitsi biwe bakaba basangwa muri douche aho binyegeje, baterwa ubwoba ko bashobora gusigwa bishwe. Aha tukaba tutokwibagira ,kuvuga ivyashikiye umuryango wa Leonce Niyongabo akorera RPA, aho mu nzu iwe, hatewe ivyuka vyokera, umuryango wiwe ukahasinzikarira.

Iyo myiyerekano rero iriko iraba, bigasa n’aho inzego z’umutekano n’ubutegetsi muri rusangi, bisa n’abata ishavu ku bamenyeshamakuru aho ikigo c’abamenyeshamakuru cugawe, iradiyo RPA ikugarwa, tutibagiwe ayandi maradiyo yahawe gasopo, mu gucirwa amaterefone na ONATEL co kimwe n’ukwumvikana hagati mu gihugu, aho itegeko ryo kubacirako imihora ryatanzwe na Gerome Nzokirantevye, umuyobozi w’iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Izina riramuranga ngo yitwa azokira atevye none yokorukwo akaba yiteze gukira vuba

  • Abanyamakuru barananiwe no kuja hagati, bakorera umurwi umwe aho gukorera bose. Mbe ko RPA yarungitse gukorera i Ngozi abamenyeshamakuru bUbwoko bumwe? Igihe cose ibimenyeshamwkuru birondera inyungu z’ababo niko bizokwama bimera, nta reta nimwe izokwigera ivyihanganira.

  • Mbega harumwana yova mucumba iwe se yamwubakiye aka namwugarira bwagoroba agakingura akugi kicuma case nanyina ngo erega nuve kuri Mama na nje njeko canke naka ajeko? Ubwo nabo bana baja mwibarabara basa nuwo mwana atagira indero akura se kuburiri Reka guhendwa mubona aho mugeze ubu muramaze guca ubwenge,simbagwa nabantu babaye mubuhungiro bakabona ingene impera nimperuka akamaro ko guta igihugu akariko,aho umuntu yirukanwa nkimbwa yumukoma akagenda muzo yambaye .Benedata Politic nti mwibaze ko beneyo bazoyigira badakoresheje mwebwe abanyagihugu bisigura ko muto kwumva naka hariya avuze ngoimyiyerekano namwe ngo mwiruke muriyo banza murabe inkurikizi ziyo myiyerekano mugiye kugira hanyuma mubone kwitwa abakoreshwa gusa.Ikindyohera cabarundi nuko abo banyagihugu batobato aribo bata agashambara ngo manda aho kwiyumvira aho uzokura agahuzu ko kwambika umugore numwana hamwe nico uzobagaburira ariko mwasaze mwibarabara gusa. Menyako muva ngaho muja kugubama nokurara mwibarabara ariko beni imigumuko biraramiye mumazu yabo nabagore babo nabana babo hanyuma namwe ngo muri mwibarabara.Musiwe wajinga kwasababu sioni faida yenu acheni tu uchaguzi ufanyike mushindi aongoze inchi atakae shindwa nae atapata madaraka mengine.

  • Wewe wiyita ABN wewe urafise umutima n’ubwenge usomye ikikimeyeshamakuru ugaca uvuga ibi urakomeye reka Imana izokugaragaza nabo ushigikiye sinovuga vyinshi Uwuhoraho niwe azoca urubanza ukwiye kunuma kuko utera ishavu abene gihugu;ndagusavye tuzosubire kandika kuko ntajambo ufise ubwira abantu.

  • Abamesha Makuru Turahojek Can Kand Bakomeze Umwuga Wawe Kuk Ivyiz Birimber Ntaho Bitagenda Neze Ariko Turukumusozo Wivyiza Twiphangane Tuzatwega K’umusi Wumunezero Imana Ibahezagire Cane Muvyo Mukora

  • ndiko ndumva canke ndabona abagumuka ngo harenzwe amasezerano yi Arusha ndatwenga caaane,kuko abatabizi bibazako bafise ico bariko baravuga???Nkubu uwobabaza igihe bayashirako igikumu,abatutsi bahurikiye muco Bita G10 basinye avec Reserve bisigura ko batayemera neza none ubu niho bariko barayavugira ko yahonyanzwe???Ikindi naco ko amasezerano atanga ibice mirongitanu kwijana vyabahutu na mirongitanu kwijana vyabatutsi burya murarya mashirahemwe yagumuye abantu ivyo baravyubahirije???abarundi bakwiye guca ubwenge bakamenya umukino uriko uraba naho uzotugeza.Kubwanje rero mbona imigumuko yohagarara mumaguru masha vyanse hagakoreshwa inguvu zikomeye kuko biraboneka ko akarwi kariko karayikora ata neza karonderera igihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.