Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kuki igisagara ca Bujumbura catowe kwakira igiteramo mpuzamakungu "Happy (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Kuki igisagara ca Bujumbura catowe kwakira igiteramo mpuzamakungu "Happy (...)

Kuki igisagara ca Bujumbura catowe kwakira igiteramo mpuzamakungu "Happy People"?

mardi 5 Myandagaro 2014

Abajejwe gutegura igiteramo gihuza Abanyarwanda n’Abarundi bitiriye "Happy People" bamaze gutangaza igenekerezo. Ku ncuro ya kane, ibirori bizobera mu gisagara ca Bujumbura. Abahinga mu kuvuza umuziki bava mu bihugu vyo mu karere ntibazohara. Kuki Bujumbura yatowe kwakira ingenzi zizoba zitavye ico giteramo c’agakura?

Igisagara ca Bujumbura caratowe kuzokwakira ingenzi n’abakunzi b’igiteramo gihuza Abarundi n’Abanyarwanda bise " Happy People", ku ncuro ya kane. Amakuru duhabwa n’ikinyamakuru ibyamamare.com co mu Rwanda, avuga ko Aimé Chrispin Loiseau, ashinzwe kumenyekanisha ibikorwa muri "Happy People" yemeza ko ibikenewe vyose kugira ico giteramo kibe vyamaze gutunganywa.

Aimé Chrispin arasigura muri ico kinyamakuru igituma igisagara ca Bujumbura catowe kwakira igiteramo nk’ico. Asigura uku gukwirikira: "Umujyi wa Bujumbura wo ubwabo abayobozi bivugira ko mu minsi haba hiteguwe Happy People, business zose zikora neza, Hotels ziba zuzuye, Bar na restaurant bikora amasaha menshi kurusha ayo bari basanzwe bakora, imodoka za Taxi Voiture zibona abagenzi, ahantu nyaburanga mu Burundi harasurwa, kuko mu mujyi wa Bujumbura hinjiramo abantu barenga 5000 baba baje muri iyo minsi kubera Happy People. Indi nkuru nziza ni uko uretse aba bavuye mu Rwanda, hari abava Tanzania, Congo na Uganda na Kenya baje muri Happy People ya Bujumbura kubera amazi yaho bakaboneraho no gutangira vacances zabo".

Mwomenya ko igiteramo ca "Happy People" kizobera kuri Bora Bora Beach kw’igenekerezo rya 16 Myandagaro kuva igihe c’isaha zine z’ijoro. Abahinga mu kuvuza umuziki bazoba bavuye muri Kenya, Dj Kaydee na Dj Karim wo mu Rwanda bazobica bicike.

Turiko turabaronderera abariko bategura ico giteramo mu Burundi kugira tumenye uruhara rw’Abarundi muri ico giteramo mpuzamakungu.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.