Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kuki Sat B yakuwe mu giteramo ca Fariouz? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Kuki Sat B yakuwe mu giteramo ca Fariouz?

Kuki Sat B yakuwe mu giteramo ca Fariouz?

samedi 6 Nyakanga 2014

Impapuro ntangazagiteramo za Fariouz zasohotse ziri kubiri, rumwe rubonekako Fariouz ubwiwe, urundi rukaboneka Fariouz ari kumwe na Sat b. None ico gihushane c’izo mpapuro cavuye kuki?

Mu ntango Sat B yari yategekanijwe ko azoba ari kumwe na Fariouz mu giteramo citiriwe ururirimbo "What’s my name", mu nyuma bahavuye bamukurako. Twarabajije Sat b igituma ku mpapuro ntangazagiteramo atarimwo, yishuye muri make ati :" Ntitwumvikanye ku bijanye n’amahera". Ayo mahera boba batumvikanyeko n’abategura igiteramo ca Fariouz ntiyashoboye kuyatubwira.

Fariouz amaze gukuramwo Sat B, yaciye yongeramwo umuririmvyi Sal G, nk’uko tubibona ku rupapuro rushasha. Ntawuzi uko ico giteramo kizoba kimeze mu gihe kizobera mu karere Sat b akundwamwo cane, ari nawe yataziriye n’akazina ka "Kany Empire".

JPEG - 73.9 ko
Urupapuro rw’ukuri

Tubibutse ko ico giteramo kizoba aho bukera kuw’Imana kw’igenekerezo rya 07 Nyakanga, kw’Itaba kwa Vy’isi kuva isaha umunani z’umurango ( 14h00). Inyuma y’indwi imwe Fariouz azoba abarizwa muri Afrika y’Epfo.

Iruhande y’inkuru y’igiteramo ca Fariouz, umviriza aha munsi ururirimbo rushasha rwa Fariouz yise ’Kiwelewele".


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.