Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kurikira amajwi ya Pascal Rwankara uko asigura ikiringo ca gatatu ca Petero (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Kurikira amajwi ya Pascal Rwankara uko asigura ikiringo ca gatatu ca Petero (...)

Kurikira amajwi ya Pascal Rwankara uko asigura ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza

jeudi 5 Ruhuhuma 2015

Pascal Rwankara amenyesha ko ku bijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu ata n’umwe arerekana umuco, ngo asigure neza ingingo zimubuza kwitoza canke kwitoza.

Ivyo, uwo mwigisha muri za kaminuza akaba abisiguye, inyuma y’aho impari ku biringo vy’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza zibandanirije, bamwe mu bihebeye Imana, abari mu mashirahamwe yigenga n’abanyeporitike bamenyeshereje ko umuntu amaze gukwiza ibiringo bibiri ahabwa n’ibwirizwa nshingiro, ica gatatu yoba arenze amategeko.

PNG - 290.7 ko
Pascal Rwankara umwigisha muri za kaminuza

Ku bwa Pascal Rwankara umwigisha muri za kaminuza, abona ko zimwe mu ngingo zo mw’ibwirizwa nshingiro nk’iya 96 hamwe n’iya 302, abazanditse bihenze. Uwo mwigisha akaba yabisiguye yisunze impari zimaze iminsi zerekanwa na bamwe n’abandi ku bijanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Uwo mwigisha muri za kaminuza, akavuga ko ata n’umwe aratanga umuco kuri ico kiringo kindi c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Mukamenya ko amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike yanamaze kuvuga ko ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza azokirwanya yivuye inyuma.

Kurikira aha munsi amajwi ya Pascal Rwankara, uko asigura ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Prof.Pascal Gerageza kugabanyo inzoga .

  • Umviriza uwo muntu yigisha kaminuza ingene adedemba. Ngo umuntu ararahira atarahiye!! Kaminuza zo muburundi zaragowe zigishwa n’ abantu nk’ abo.

  • Ce qui m,interesse, c,est moins l’avis de Rwankara que le nom de Willy Nyamitwe associe a cette video. Willy, on voit que tu es inquiet de ton avenir apres juin 2015, comme Concilie (dixit Ngayimpenda). Maintenant, tu cherches des arguments aupres de personnes supposees de l,opposition pour convaincre ton patron que sa candidature est recevable. Bonne chance! Il n,y aura pas de violence; croyez-moi. Sauf que ... On veille!

  • ewe lead naw mureke niciyumviro ciwe kandi nincabwenge ntumugaye rero mbe avugango ntiyitoze bo nibo wemera kuki? noneho reka abo biraba bazobitomora rindira!!!!!!

  • Ingorane nuko abarundi benshi twigira abacamanza. Nimba Nkurunziza agomba gukora ibitarivyo, ni bamwitwarire muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro. Ahandi ho nimba buri murundi yigize umucamanza bica bihinduka akajagari.

  • erega ntibitagaje ko prof yomuvugira ko avuga ngo bihenze kuryandika we yarihe?ntawuvugana indya mukanwa

  • Yohora akarega kwikika inyuma yubuhinga bwiwe mukuzimiza abantu yoba adufashije.

  • Narabivuze nabandi barabisubira Ko wiyagarariye mwibarabara ukiyumvira gusa kubijanye nibiringo Nkurunziza amazegutwara ucubona ibiringo bibiri birangirana nuyumwaka wa 2015 ukacubona Nkurunziza yararangije ibiringo 2 vyemewe nibwirizwashingiro, ariko igiye ukicaraneza ahantuhatekanye ugasoma ibwirizwashingiro ryuburundi ucusanga atacobuza Nkurunziza kuzokwitoza mwayamatora yimirije. Ndabagirinamarero abavugako Nkurunziza ibiringovyiwe vyaheze nimukwakwanye musabeko mwikigihe atakizokwisunga ibwirizwashingiro mukuraba ibizosabwa kuruwowese ashaka kuzokwitoreza kumanya wumukuru wigihugu mukaramukamwemeye bakisunga ibwirizwashingiro ryuburundi Nkurunziza azobamubambere bazobabafise uburenganzira bukwiye bwokuzokwitoza, ndongeye kubabwirako mudakwiyegutumwanya wanyuwubusa nyabuneka kwakwanya muzokwicare mutunganyeneza ibwirizwashingiro ryuburundi nubwo igihe cokurifunganya kugira Nkurunziza ntazokwitoze carenze ariko mutaritunganije uyumusi Ninkurunziza ejo nikuhundi nimwihangane imyaka itanu nubusa niyabatsinda nkuko nyenebitakiri agashesheshwarumuri muyindimyaka itanu 2020 ntaburenganzira nabuto bwokuba yokwitoreza kubumukuru wigibugu azobagifise.

  • @Jean Loulou,
    Ntawubujije Peter kwitoza. Ntanuwobishobora. Kandi jewe sinanka ko yitoza. Kuko yitoza atitoza ntaco bihindura iwanje. Ahubwo, jewe NIFUZA ko YOKWITOZA. Ariko ndazi ko ATAZOKWITOZA. Kuko yitoje vyodufasha kugarukana ubutungane mu gihugu.
    Biragaragara ko yamaze guhebuzwa. Et il a pris acte, la mort dans l,ame. Ubu ariko arondera uwomusubirira wiwe pour le proteger. En attendant ko Kelly aheza ISCAM yo mu Banyamerika. Sauf que: Amase yakera atagihoma urutaro umugani wanyu.

    Ndakwibarize kimwe, en marge de cette discussion. Wari uzi ko hariho abarundi (reka mvuge abahutu kuko abatutsi ngo ni aba nostalgiques du...), abahutu isinzi ubu bababa imyaka 40 bahejeje amakaminuza bakaba batarabona ico arico accreditif kuva bavutse? Bakaba basigaje imyaka 15 ngo bakwize imyaka ya retraite (sans pension)? Ibi ntaco bibabwira? Mwibaza ko izo slogans zanyu za liberation du peuple opprime (musangiye na ba Kenese na Jacques) zigifata en 2015? Si oui, bonne chance! Mais n,oubliez pas que vous chassez sur le meme terrain ethnique que Rwasa et son Ranac.

  • Bamubaza Uyontiyize i Burundi yizemu Bubiligi jewe ntanzi ariko abamuzi baremera ko azubwenge ndabona ko ishavu ufise nuko avuze ivyo udashaka ariko wi hangane kuko nabandi bavuga nkawe buca bayica umurya nimbarero ufise iyo womokera nutangure utekere

  • Abo bose bandika ivyo bishakiye twarababonye kumafoto na mavideo
    bahirahire batahe I Burundi .Bazokwiza ico babigiriye
    Bose nukubarira mu MPIMBA
    Nabatutsi baratwaye imyaka 40 pourquoi pas les hutus
    Turabarindiriye muzotubona
    Minani

  • Ahubwo nanj ndibaza ko abahanuzi biwe bafise ubwene nkabibura.ni ba NYAMITWE bahenda nyakubahwa wacu.Ariko ntuzewe; ubwo President Petero NKURUNZIZA ntabona ko hamwe yohebera abandi ntiyitoze yoba rurangiranwa kwisi ? Raba BUYOYA ingene atembera isi adakebaguzwa kuko yarekuye Presidence gusa.Mutama Petero ntiwigure abo biyagiriza ivyo bakoze;igereze aho uzogaruke inyuma ya 5ans witoze ariko ibwirizwa nshingiro ryubahirijwe.Ntute mukaga igihugu cacu umuvyeyi wa twese.Turazi nyakubahwa ukunda abarundi;uwo umwe yikunda wenyene afise ubwoba bw ,ibibi yakoze muhebe ariko UBURUNDI bwacu busimbe akaga.Murakoze.

  • laissez les politiciens de jouer avec la politique,laissez la justice de cansilter l’accord d’arusha disons la constitution kuko nibaza Rwankara yasomwe ibiri mw’ibwirizwa shingiro ataco yahinduyemwo rero kand on cannait la valeur de l’homme quand il est parti ubu womengo abarundi bamw ntitubona ivyiza vyakozwe!ex:lybie ubu si c’est possible kadaf yogaruk!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.