Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kuvura ku buntu abana bari munsi y’imyaka 5 no kwakira abakenyezi bibaruka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kuvura ku buntu abana bari munsi y’imyaka 5 no kwakira abakenyezi bibaruka (...)

Kuvura ku buntu abana bari munsi y’imyaka 5 no kwakira abakenyezi bibaruka birabandanya

jeudi 21 Ruhuhuma 2013

Muganga Minani Isaac arongoye ibitaro Clinique Prince Louis yaramenyesheje kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Ntwarante ko babandanya kurangura umugambi wa Leta wo kuvura abana bari mu nsi y’imyaka itanu hamwe n’abakenyezi bibungenze ariko ngo bahura n’ingorane zitarinke.

Mu ngorane nyamukuru n’uko usanga Leta ibaheranira amafaranga menshi , ivyo rero bigatuma bagira ingorane zo guhemba abakozi no kugura imiti yose ikenewe kandi ku gihe. Ivyo bikaba biri gutyo no ku bitaro bitari bike vya Leta. Ariko muganga Minani agira ati: « bose bahanze amaso Leta nico gituma biheza bikagorana kuriha amafaranga ku gihe kuko n’amikoro y’igihugu atari ikirenga».

Ku kibazo c’uko hari abidoga ko batakirwa kuri ivyo bitaro, muganga Minani Isaac yishuye ko benshi bidoga kubera batazi amategeko agenga uwo mugambi. Amategeko avuga ko abavuye mu gihugu hagati bakaza ku bitura batarungitswe n’ibitaro biri mu karere baherereye mwo ntibaheza ngo bavugwe ku buntu ariko ngo rimwe na rimwe barapfa kubakira n’aho batari bagenewe uwo mugambi.

Ngo ku bakenyezi hariho indwara zijanye n’imbanyi zivurwa ku buntu n’izindi Leta itategekanije muri uwo mugambi, izorero babwirizwa kuzirihira . Mu gihe umukenyezi asanzwe avuzwa n’ishirahamwe akorera naho iryo shirahamwe niryo riheza rikamurihira no mu kwibaruka, ivyo rero bikaba biri gutyo no ku banywanyi ba mutuel kuko Leta ibarihira igice c’amahera ava mu mufuko wabo ayandi mutuel ikayariha.

Ivyo rero biri mwitegeko inomero 100/136 ryo kwa 16 Ruhesi , 2006. Iryo tegeko ribandanya rivuga ko Leta ivuza abarundi gusa .Ni ukuvuga ko umukenyezi w’umurundikazi iyo afise umugabo w’umunyamahanga baramwakira ku buntu mu gihe co kwibaruka ariko umwana aramurihira ijana kw’ijana iyo agwaye kuko mu mategeko y’igihugu umwana atwara ubwoko bwase.

Igikenewe rero n’uko Leta yokwigisha abanyagihugu ibijanye n’uwo mu gambi kuko beshi bidogera ibitaro bitandukanye ko bitabakira kandi batagenewe uwo mugambi.Ivyo rero bigasaba ko babanza kubasomera iryo tegeko canke bakabereka aho ryanditse bakaryisomera.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.