Accueil > Amagara y’abantu > Kuvyara amahasa canke ubushuri vyoba biva ku miryango
Kuvyara amahasa canke ubushuri vyoba biva ku miryango
mercredi 6 Munyonyo 2013
Bisanzwe bizwi ko kugira umwana avuke hategerezwa kuba imbuto z’umugore n’umugabo. Iyo imbuto z’abo bose zihuye, n’ukuvuga ko imbuto z’umugabo zinjiye muz’umugore, bigira irigi « Fœtus », ari naryo rizohava rivamwo umwana.
Abahinga banonosoye icigwa ku bijanye n’ibihimba vy’irondoka « Gynécologues », hamwe n’ivyo kuvyara « Obstétriciens », mu bushakashatsi bwabo, bavuga ko iyo hatabaye uguhura kw’imbuto, nta mwana ashobora kuvuka. Eka mbere no ku bijanye n’ukuvuka kw’abana barenga umwe, n’iyo nzira nyene y’ihuzwa ry’imbuto z’umugabo n’umugore.
Ikinyamakuru IGIHE giheruka gutohoza ku bijanye n’imvyaro z’abana barenga umwe, inyuma y’aho hamaze iminsi hibonekeza mu Burundi imvyaro z’abana barenga umwe bavukira rimwe.

Muganga Eric Nzeyimana, arongoye ibitaro vyitiriwe « Van Norman » yaragize ico avuga, ku bijanye no kuri izo mvyaro z’abana barenga umwe bavukira rimwe, yongera aratanga n’umuco ku bijanye n’imvyaro z’abana batatu.
"Mu kuvuka kw’abana, yaba umwe, yaba babiri canke barenga, umugabo abifisemwo uruhara rudasanzwe. Ni ukuvuga ko mu mabanga mpuzabitsina, iyo umugabo asohoye imbuto, hagaca hagira zibiri zica zinjirira icarimwe muz’umukenyezi, zindi zibiri, uwo mukenyezi ashobora kugira amahirwe yo gusama inda y’amahasa. Nico kimwe n’iyo umugabo asohoye imbuto nyinshi zikinjiririra rimwe muz’umugore, haba imbanyi y’abana benshi bita « grossesse multiple » bivanye n’igitigiri c’izinjiye muz’umugore, zabaye « Féconder » ‘’.
Abatari bake bakibaza rero igituma canke ico vyoba bicako kugira bahe imvyaro z’abana benshi. Kuri ico kibazo cibazwa n’abatari bake, muganga Eric Nzeyimana avuga ko kugira habe imvyaro zirengeye umwana umwe biba vyavuye ku bintu vyinshi. Bimwe muri vyo, biravana n’imiryango (génétique), kuko hari iyifise ibakwe ryo kugira ububasha bwo kuvyara abana benshi icarimwe, n’iyindi miryango ifise ububasha bwo kuvyara umwa umwe gusa.
Nk’umuryango woba warumaze kugira umuntu yigeze kwibaruka imvyaro nyinshi icarimwe, haguma haba urukurikirane muri uwo muryango rwo kuvyara abana benshi. Ariko ntibisigura ko bica vyama vyikurikiranya ku mwaka ku mwaka, canke uko bahaye imvyaro. Hashobora guca n’urunganwe rumwe canke zibiri zirenga (génération) hataraboneka uwundi avyara imvyaro nyinshi icarimwe, yaba amahasa, yaba ubushuri canke barenga abo.
Biravana kandi n’ivyo bita « probabilité » : gushobora kuvyara abana barenga umwe bivuye ku mbuto ziba zasohotse ziva mu mugabo zija mu mugore.
Mu bushakashatsi bwakozwe, bivugwa ko hari amahirwe menshi kw’ihasa, canke ku bushuri bwo gushobora kuvyara nawe nyene amahasa canke ubushuri kurusha n’uwoba ari mu muryango w’abavyara abana barenga umwe.

Ku bijanye n’ivuka ry’abana barenga umwe, akenshi barinda kubaga umuvyeyi kuko abavyeyi batari bake baba barushe, ntibabe bagishobora kubavyara mu buryo bumenyerewe. N’ikindi gikunda kwibonekeza muri izo mvyaro, hari igihe abana bavuka ikiringo cagenewe ko bavukirako kitaragera ivyo bita « Prématuré » Bavutse ugasanga n’ibiro birutana, uwavutse ubwa mbere akaruta uwavutse ubwa kabiri, canke ubwa gatatu.
Ariko, n’aho biri uko, muganga Eric Nzeyimana arahumuriza abavyeyi, ko ata ngorane nini zihaba mu gihe umuvyeyi yibarukiye kwa muganga kuko bafise uburyo bwo gukurikirana umuvyeyi gushika yibaruke. Yahimirije abavyeyi bose bibungenze kwama bisuzumisha kugira bakingire amagara y’abana bibungenze, yongera arahamagarira abavyeyi kwama bibarukira kwa muganga.
Mariella Bukuru
Messages
30 Rusama 2015, 09:13, par egide ngendakumana
ivyo nivyo ariko ico ntatahuy ntagih vyoshika mumabanga mpuzabitsina hakagenda urubuto rumw rwumugabo mugabo umugore akavyara amahasa?
23 Ndamukiza 2017, 21:53, par HABARUGIRA
Nne Umugore Asohora Imbuto Zingahe? Jew Narinzi Kwarungika Rumwe Gusa Ku Kwezi?