Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kuza kwa Maréchal Femi De J’Abat n’umunezero kuri imwe mu miryango yugarijwe (...)
Kuza kwa Maréchal Femi De J’Abat n’umunezero kuri imwe mu miryango yugarijwe n’ubukene
mercredi 16 Mukakaro 2014
Hasigaye amasaha make kugira umuririmvyi aba mu makungu Felicien Minani Nsengiymva ashika ku kibuga c’indege c’i Bujumbura. Ikimuvanye mu mahanga n’akaruhuko hamwe no gufasha imiryango y’abatwa.

Umuririmvyi Felicien Minani Nsengiyumva azwi kw’izina Maréchal Femi De J’Abat atangaza k’umurongo wiwe wa facabook ko ashika ku kibuga c’indege c’i Bujumbura igihe c’isaha indwi n’igice z’umurango. Ari kumwe n’umuryango wiwe, baje mu buruhuko kandi aje kuramutsa incuti n’abagenzi bo mu gihugu ciwe c’amavukiro.
Nk’uko Femi de J’Abat yama abigira iyo aje mu Burundi, aragendera abanyagihugu ba ntahonikora cane cane abo mu bwoko bw’abatwa, muri kano karuhuko azoja kugarukira ku miryango y’abatwa iri muri komine Isare.
Tugiye kuzobashikiriza ibikorwa vyose vy’umuririmvyi Maréchal Femi De J’Abat.
Cherif Nkeshimana
Messages
16 Mukakaro 2014, 15:25, par sophie.ndayishimiye
ni bon,
ndakeneye uwo mugira neza yaje gufasha abatwa,kubera ndafise abatwa bakeye kumenyekana;