Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kwicara umwanya munini ata gikorwa vyoba vyica kurusha kunywa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kwicara umwanya munini ata gikorwa vyoba vyica kurusha kunywa (...)

Kwicara umwanya munini ata gikorwa vyoba vyica kurusha kunywa itabi

jeudi 30 Nzero 2014

Nk’uko bishikirizwa n’umwigisha François Carré ari mu batanguje umugambi bise "Observatoire de la sedentarite", umugambi ujanye no kwiga ingaruka zivuye kukuguma wicaye, kwicara umwanya muremure ata gikorwa urimwo, bifise ingaruka zitari nziza ku magara y’abantu.

Mu bushakashatsi bwakozwe n’abaganga baraba ivy’umutima hamwe no kwinonora imitsi bavuga ko uko umuntu amara umwanya muremure yicaye, ariko n’imyaka yo kuramba igabanuka.
Zimwe mu ngaruka abo bashakashatsi berekanye zivuye ku kwicara umwanya muremure ata gikorwa umuntu aba arimwo, hakaba harimwo kumeneka umutwe no kugira ububabare bwo mu maguru.
Aho ikibazo gica kiza ni : "Bigenda gute kugira umuntu yicare umwanya muremure ata gikorwa arimwo?”

Uko imyaka igenda iregera imbere, niko n’isi igenda itera imbere, ivyo bigaca bituma n’abantu bokorera mu buryo buboroheye. Bimwe mu bituma abantu baguma bicaye umwanya muremure, akaba ari imiduga yo kwiyunguruza, gukora ahantu bisaba kwicara amasaha menshi, kwinezereza, kugira ibikoresho bikora ivyo amaboko n’amaguru vyari gukora, n’ibindi.
Abashakashatsi bakavuga ko iyo umuntu abandanije iyo nyifato yo kwicara umwanya munini ataco ariko arakora gisaba inguvu canke amaze amasaha menshi yicaye bifise ingaruka mbi ku magara kuko bishobora no kumuhitana atabizi kurusha mbere n’uwunywa itabi.

Ingaruka zishobora kwibonekeza kuri ukwo kwicara umwanya muremure, hari kugira indwara z’umutima nk’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, indwara y’igisukari, kugira ibinure vyinshi mu mubiri, ubunini burenze, ububabare mu ngingo z’umubiri gushika naho umubiri utaba ugikora nk’uko wahora, ivyo navyo bigashobora kwadurukamwo indwara zica ningonga nka za kanseri n’izindi zivuye kurivyo.
Ku bantu bafise imyaka iriko irigirwa imbere, kuguma bicaye bituma indwara yo kwibagira "Alzheimer" yibonekeza kare. Amaguru aravyimba, mu nda hakagumirwa umubiri ukaguma mbere urushe.

Abaganga bagahanura ko abantu bogabanya umwanya baguma bicaye ataco bariko barakora gisaba inguvu. Ku bakora ahantu bicara amasaha arenga abiri, ni vyiza kuza bariruhutsa ku mwanya ku mwanya mu kwigorora nk’iminota iri hagati y’2 n’3. Ku bintu navyo bishobora gukorwa umuntu atarinze kwicara, yokwinanata akabikora ahagaze kugira imitsi iruhuke.
Ku munsi ku munsi, umuntu yogira agatambuko k’iminota nka 30, urugendo rw’umuduga akaza ararugabanya. Gutyo ingaruka zitari nziza zivuye ku kwicara umwanya muremure zikazoba zigabanijwe.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.