Accueil > Amagara y’abantu > Kwicara umwanya munini ata gikorwa vyoba vyica kurusha kunywa (...)
Kwicara umwanya munini ata gikorwa vyoba vyica kurusha kunywa itabi
jeudi 30 Nzero 2014
Nk’uko bishikirizwa n’umwigisha François Carré ari mu batanguje umugambi bise "Observatoire de la sedentarite", umugambi ujanye no kwiga ingaruka zivuye kukuguma wicaye, kwicara umwanya muremure ata gikorwa urimwo, bifise ingaruka zitari nziza ku magara y’abantu.
Mu bushakashatsi bwakozwe n’abaganga baraba ivy’umutima hamwe no kwinonora imitsi bavuga ko uko umuntu amara umwanya muremure yicaye, ariko n’imyaka yo kuramba igabanuka.
Zimwe mu ngaruka abo bashakashatsi berekanye zivuye ku kwicara umwanya muremure ata gikorwa umuntu aba arimwo, hakaba harimwo kumeneka umutwe no kugira ububabare bwo mu maguru.
Aho ikibazo gica kiza ni : "Bigenda gute kugira umuntu yicare umwanya muremure ata gikorwa arimwo?”
Uko imyaka igenda iregera imbere, niko n’isi igenda itera imbere, ivyo bigaca bituma n’abantu bokorera mu buryo buboroheye. Bimwe mu bituma abantu baguma bicaye umwanya muremure, akaba ari imiduga yo kwiyunguruza, gukora ahantu bisaba kwicara amasaha menshi, kwinezereza, kugira ibikoresho bikora ivyo amaboko n’amaguru vyari gukora, n’ibindi.
Abashakashatsi bakavuga ko iyo umuntu abandanije iyo nyifato yo kwicara umwanya munini ataco ariko arakora gisaba inguvu canke amaze amasaha menshi yicaye bifise ingaruka mbi ku magara kuko bishobora no kumuhitana atabizi kurusha mbere n’uwunywa itabi.
Ingaruka zishobora kwibonekeza kuri ukwo kwicara umwanya muremure, hari kugira indwara z’umutima nk’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, indwara y’igisukari, kugira ibinure vyinshi mu mubiri, ubunini burenze, ububabare mu ngingo z’umubiri gushika naho umubiri utaba ugikora nk’uko wahora, ivyo navyo bigashobora kwadurukamwo indwara zica ningonga nka za kanseri n’izindi zivuye kurivyo.
Ku bantu bafise imyaka iriko irigirwa imbere, kuguma bicaye bituma indwara yo kwibagira "Alzheimer" yibonekeza kare. Amaguru aravyimba, mu nda hakagumirwa umubiri ukaguma mbere urushe.
Abaganga bagahanura ko abantu bogabanya umwanya baguma bicaye ataco bariko barakora gisaba inguvu. Ku bakora ahantu bicara amasaha arenga abiri, ni vyiza kuza bariruhutsa ku mwanya ku mwanya mu kwigorora nk’iminota iri hagati y’2 n’3. Ku bintu navyo bishobora gukorwa umuntu atarinze kwicara, yokwinanata akabikora ahagaze kugira imitsi iruhuke.
Ku munsi ku munsi, umuntu yogira agatambuko k’iminota nka 30, urugendo rw’umuduga akaza ararugabanya. Gutyo ingaruka zitari nziza zivuye ku kwicara umwanya muremure zikazoba zigabanijwe.
Mariella Bukuru
Messages
31 Nzero 2014, 10:30, par Djuma
turashimiye kunama nziza mwama mutugira murakoze
31 Nzero 2014, 23:47, par Tollo
Ivyo uvuze ndavyemera rwose ninaco gituma ubona ibihugu biteye imbere bikaba bitaga akaruhuko karekare ubona abantu bavyuka biruka bakora siporo baba banka ko bicwa naziriya rwara bavuze aho hejuru.
2 Ruhuhuma 2014, 18:48, par Abdi
none umuntu akora yicay naho nkumunyabiro?
5 Ruhuhuma 2014, 05:45, par Ntahogwamiye Alexandre
Abarundi muri ibigoryi! Kuki mwashyize ho ifoto ya Dr. Kaberuka? Utaz ikimuhatse areba imboro ya se igitsure!