Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gukoresha ngendanwa umwanya muremure bifise ingaruka izihe? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Gukoresha ngendanwa umwanya muremure bifise ingaruka izihe?

Gukoresha ngendanwa umwanya muremure bifise ingaruka izihe?

jeudi 25 Mukakaro 2013

Amagara y’umuntu ntasinzikazwa gusa n’indwara zitaboneka canke n’impanuka. Hari n’ibindi bintu bikoreshwa cane mu buzima bwa minsi yose, umuntu atokwibaza ko bishobora kugirira ingaruka mbi amagara yacu. Nka zangendanwa, inyabwonko canke imboneshakure. Aho umuntu yoca yibaza ukugene ivyo bihejeje kudondandurwa ukungene vyoba bifise ingaruka mbi ku magara yacu.

Mwotahura neza ko bidasigura ko atari vyiza kubikoresha, ahubwo n’ukumenya kare uburyo tubikoresha. Nk’akarorero, mu vyigwa vyakozwe n’abahinga, vyagaragaye ko ari incuro zigera kw’ijana na mirongo itanu abantu bakoresha ku munsi mu kuraba ngendanwa zabo, ivyo navyo bikaba bifise uruhara runini ku kuguma umuntu ameneka umutwe atamvo ziboneka bivuyeko, n’ubundi bubabare bwo mu mubiri. Uturorero tw’ingorane, iterefone ngendanwa zitera ku magara y’abantu :

1. Ingorane zo kutabona neza

Kumara umwanya muremure uriko uraraba muri terefone ngendanwa bituma amaso aruha n’ingonga na cane cane mu gihe umuntu yegereje cane imbere y’amaso, hashobora kwadukiramwo n’izindi ndwara, nko kwuma kw’amaso, kugira ibivyimba mbere n’ibihute bigashobora kwadukiramwo. Nko ku bana, bishobora gutera indwara y’uruhumyi ku bayikoresha cane.

2. Ububabare bwo mu mugongo

Ukungene umubiri umeze n’ingaruka y’ivyo umuntu aba yiriwemwo umunsi wose. Iyo umuntu ariko araraba terefone ngendanwa yiwe, n’ukuvuga ko umutwe wiwe uba umeze nk’uwunamye. Ukwo kuntu nakwo umuntu aba ameze, bishobora gutuma uruti rw’umugongo rugira ingorane, n’imitsi igize umutwe yononekara. Ari navyo mbere bituma umutwe umeneka, kugira uburuhe canke kwumva inguvu zicitse. Hari n’abandi baca bagira ingorane ry’izosi n’ibitugu ku kubera vyama bigondamye.

3. Uguhinduka umu maso

Gukoresha cane ngendanwa birashobora gutuma mu maso hahinduka. Uko imyaka y’amavuka igenda iregera imbere, niko n’imitsi yo mu maso igenda irakweguka, umubiri nawo ugaca uhinduka. Iyo rero umuntu aguma araba umwanya muremure muri ndendanwa yiwe, bituma umubiri uruha, ntube ugishobora no kwigwanirira.

4. Kuzana uduhere mu maso

Ivyigwa vyakozwe vyerekana ko ikiyo ca ngendanwa bita mu gifaransa « Ecran » gifise ubushobozi bwo kugumya imigera ituma haza uduhere mu maso, igakwega incuro 18 kurusha ubushobozi bw’umugozi ukwega amazi mu tuzu twa sugwumwe. Gukoresha rero kenshi, umwanya muremure amaterefone ngendanwa, bituma haba imigera mu maso, hagaca haza uduhere.

5. Kugira itiro ry’umwanya wose

Si amaterefone ngendanwa gusa, n’inyabwonko canke imboneshakure vyose bifise umuco mwinshi amaso y’umuntu adashobora kwihanganira, bigatuma kandi umuntu adakanura neza, bigaca bituma asinzira. Kuguma uraba cane ivyuma nk’ivyo n’ubwo vyoba biriko bikwereka ibintu ngirakamaro, bishobora gutuma umuntu asinzira umwanya wose.

Iterambere ni ryiza mu buzima, ariko ivyo rizana vyose, ntibisigura ko n’amagara y’abantu aca atera imbere. Kugira ubwenge mu gukoresha ibizanywe n’iterambere ni vyankenerwa cane mu buzima kugira ntihaze hagire umuntu yicuza ataco agikiza. Yaba ayo materefobe ngendanwa, yaba izo nyabwonko canke imboneshakure, vyose bifise akamaro mw’iterambere kuri bose, ariko iyo bikoreshejwe ukutarikwo, bica bizana ingaruka mbi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.