Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe ACBAB ryatanguje amahiganwa ya Basketball - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Ishirahamwe ACBAB ryatanguje amahiganwa ya Basketball

Ishirahamwe ACBAB ryatanguje amahiganwa ya Basketball

lundi 7 Gitugutu 2013

Mu mpera z’iyi ndwi niho ishirahamwe ry’imirwi ya basketball y’i Bujumbura batangura inkino za basketball z’umwaka w’2013 ushira 2014, inkino abakunzi b’uwo mupira bari barindiranye igishika inyuma y’aho, Urunani rusanzwe ruri muri ACBAB (L’Association des Clubs de Basket ball Amateur de Bujumbura)
batahukaniye intsinzi mu mahiganwa y’akarere ya gatanu.

Hamwe n’urunani rushasha ACBAB rurongowe na Zakariya Nzeyimana, uyu amenyesha ko izo nkino batanguye zizogira akamaro, kuko n’ukugira umurwi w’Urunani ushobore gutahukana intsinzi mu karere ka gatanu, ari ukwo bari bitwararitse amahiganwa ku bwinshi, arimwo n’imyimenyerezo. Abandanya amenyesha abakunzi b’umupira wa Basketball ko n’aya mahiganwa baraye batanguye, bazoyamurako icamwa nyaco. Zakariya Nzeyimana rero akaba ashimira abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura, ko naho uburyo butoroshe, abanyagihugu na cane cane abakunzi b’urwo rukino bashoboye gushinga imirwi ya basketball na cane cane mu cicaro ca kabiri. Iyo ngendo rero y’abakunzi b’umupira wa basketball, ikaba ari nziza nk’uko Nzeyimana abivuga, kuko ituma urwaruka ruhurira mu nkino, aho kuja mu bindi.

Zakariya Nzeyimana akaba yaronkeyeho n’akaryo ko gusaba ba musitanteri b’amakomine ari mu gisagara ca Bujumbura ko bofasha cane mu gikorwa co gufasha guhuriza urwaruka mu nkino, mu gushigikira ivuka ry’imirwi itandukanye ya basketball kugira bafashe urwo rwaruka kugira kazoza keza mu mupira wa basketball. Abandanya amenyesha ko kubera imirwi iriko iravuka y’umupira wa basketball, ari myinshi jyo mu cicaro ca kabiri, inkino zizohora zibera ku kibuga ca Parquet. Abakunzi ba basket rero, boheza bakaza barahurira kuri ico kibuga misi yose mu mpera z’iyinga, kuraba ingene abakinyi babo bariko barakina, nk’uko Zakariya abandanya abisaba.

Aha tukaba twobamenyesha ko mu nkino zabaye kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 4 Gitugutu zo mu cicaro ca mbere, zagenze neza aho Urunani rwatsinze Kern ku manota 57 kuri 40, Muzinga nayo ikaba yarakosoye bimwe bishimishije umurwi wa Mutanga United ku manota 93 kuri 59.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.