Accueil > Amakuru > u Burundi > "La Force d’espérer", igitabo ca Denise Nkurunziza caraye gisohotse (...)
"La Force d’espérer", igitabo ca Denise Nkurunziza caraye gisohotse icese
samedi 10 Myandagaro 2013
Igitabo kivuga ubuzima w’umutambukanyi bw’umukuru w’igihugu c’Uburundi, umupfasoni Denise Bucumi Nkurunziza caraye gishizwe ahabona icese ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu, mu birori vyo kugisohora no kumenyesha incamake y’ibigize ibigabane vyaco.
Mu ncamake, ng’ibi ibivugwa muri ico gitabo : "Yavukiye muri komine Mwumba mu mwaka w’1969 mu muryango wifise ku rugero rwo hagati na hagati. Denise Bucumi Nkurunziza ni umupfasoni akunda ibikorwa, yabanye ubuzima bwiwe bwose na mukuru we. Hageze ko yubaka urwiwe, yaciye ahura n’umusore yitwa Pierre Nkurunziza, uwo nawe akaba yigisha kuri kaminuza y’Uburundi mu gisata co kwinonora imitsi. Bompi barakundanye, bashinga urugo.
Ubuzima ntibwabaye nk’uko uwo muryango mushasha wabishaka kuko mu ntambara yateye mu mwaka w’1993, Pierre Nkurunziza yaciye ahamvya imirwi yarwana mw’ishamba, Denise Nkurunziza nawe asigarana irungu. Imyaka umunani yose yaraheze atamukubise ijisho, mu muryango wiwe harangwa amarira. Umwizero wiwe yahisemwo kuwuha Imana, ari nayo yahavuye imwibuka isubira guhuza umuryango wose, serugo aramutwsa igihugu c’Uburundi.
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, umupfasoni Denise Bucumi Nkurunziza amenyesha ko icipfuzo ciwe ari uko abazosoma ico gitabu bokwisanga muvyo yanditse kuko imiryango myinshi mu ntambara yo mu mwaka w’1993 yabayeho mu buryo bushaka kumera nk’ubwiwe. Ihangiro y’ico gitabu akaba ari ugutumirira abakenyezi kuyaga ivyabashikiye, gushinga intahe hamwe no kurekurira.
Kuva ku munsi wa mbere igenekerezo rya 12 Myandagaro 2013, ico gitabo kizoba gihari mu gihugu no mu makungu, mu rurimi rw’igifaransa n’icongereza, kikaba kidandazwa amafaranga ibihumbi 50 vy’amafaranga y’amarundi, ni ukuvuga amadolari y’ Amerika 24, canke amanyaburaya 21.
Egide Nduwimana
Messages
3 Kigarama 2014, 12:46, par Nkorerimana Jacques
c’est très admirable. Félicition!!
31 Gitugutu 2015, 19:32, par A
Nivyiza
6 Ruhuhuma 2016, 17:09
KOMERA MUVYEYI UTANDUKANYE N,ABASAZIKAZI BAJA MW,IBARABARA BIYAMIRIZA UMUCANCE WAWE.NIMWIRAMBWIRE TURABASHIGIKIYE
17 Ruhuhuma 2016, 06:19, par ALENDA
EKA NIVYIZA
18 Rusama 2016, 02:55, par Bakundukize J.Bosco
Ukwihangana Gushikana Kuntsinzi.
11 Ruheshi 2016, 19:16, par Christophe Nindorera
Ndipfuza K Ico Gitabo Cotangwa Kumafaranga Makeya Kugira Nuwohasi Agisome Kubera Ndumva Kirimwo Ibintu Bikomeye
11 Ruheshi 2016, 19:17, par Christophe Nindorera
Ndipfuza K Ico Gitabo Cotangwa Kumafaranga Makeya Kugira Nuwohasi Agisome Kubera Ndumva Kirimwo Ibintu Bikomeye
17 Ruheshi 2016, 17:25, par T SQUARE
MBE WUNVA COGURWA N,ABANGAH MU BURUNDI?
20 Ruheshi 2016, 15:30, par minani
ico gitabo kirakwiye kugura make kugira gishikire batobato
20 Ruheshi 2016, 15:32, par minani
ico gitabo kirakwiye kugura make kugira gishikire batobato
1er Myandagaro 2016, 21:58, par Nduwimana Richard
AHUBWO,TWEBATO,BOMANURIGICIRO,TKAKIRONKANATWE,MURAKOZE
30 Myandagaro 2016, 10:31, par Habimana Enock
Yesu ashimwe muvyeyi wanje.jewe nashoboye kugira amahirwe yogusoma igitabo cawe cubuzima bwawe.nukuri ukwihangana kwawe mukwereka Yesu ibibaz warurimwo niwe yakwishuye.hama ndumwana ashaka kuyaga nawe.ndagusaba ndakwinginga umpe ayomahirwe yokuyaga nawe.ok Yesu abane nawe
30 Myandagaro 2016, 10:32, par Habimana Enock
Yesu ashimwe muvyeyi wanje.jewe nashoboye kugira amahirwe yogusoma igitabo cawe cubuzima bwawe.nukuri ukwihangana kwawe mukwereka Yesu ibibaz warurimwo niwe yakwishuye.hama ndumwana ashaka kuyaga nawe.ndagusaba ndakwinginga umpe ayomahirwe yokuyaga nawe.ok Yesu abane nawe
15 Nyakanga 2016, 06:14, par Rivuzimana Amédée
Turashimiye Mama Dukunda Cane Kurizo Nyisho Yadushiriye Ahabona, Nibaze Ko Uwuzogira Amahirwe Yokugisoma Kizomwungura.
13 Gitugutu 2016, 23:45, par SYMPHORIEN
NTA KUNTUCOGURWAMAKE?
13 Gitugutu 2016, 23:58, par SYMPHORIEN
Ahubwo Imana ikuze imbere kumitego waciyemwo yose IMANA IKONGDRE IMIGISHA bn8.
15 Gitugutu 2016, 08:21, par nimubona jean bosco
toutes mes félicitations ! que vous soyez la lumière des désespérés et que votre mémoire soit couronné de succès international. Qu’il soit une inspiration pour les familles qui vivent de divers problèmes de ce monde contemporain. Enfin je suggererais que votre mémoire soit revu à la hausse pour que un grand nombre de gens possible puisse s’en procurer.Maman BUNTU que Dieu vous bénisse encore.
15 Gitugutu 2016, 08:29, par nimubona jean bosco
son EXCELLENCE Denise NKURUNZIZA,maman Buntu ! grande félicitation ! que votre mémoire soit couronné de chance.
20 Gitugutu 2016, 17:34, par IRINIMBABAZI MOISE
NIVYIZA NYAKWUBAHWA NANJE MURANSENGERA NDARWAYE MAZE IMYAKA CUMI NGWAYE ARIKO ICOGITABO KIRAZIMVYE CANE NICABIFISE
6 Kigarama 2016, 12:31, par NDAYISABA Sarthière
Ukwihangana n’ukwizigira,birageza umuntu aho atogeze
6 Kigarama 2016, 12:33, par NDAYISABA Sarthière
Ukwihangana n’ukwizigira,birageza umuntu aho atogeze
5 Nzero 2017, 12:27, par Sylvain
Ni Kimwe Mubitabu Biryoshe Gusoma Bigurirwahe
30 Ntwarante 2017, 14:26, par Dynamique Vivant
Nibyiza Cyane Koyagishize Kw’isoko Ariko Byaribikwiyeko Gitangwa K’ubuntu.
27 Ndamukiza 2017, 02:03, par Nikobamye Therance
Nivyiza Kugisoma Icogitabu Kokizivye Coshika Kuntara?
27 Ndamukiza 2017, 02:04, par Nikobamye Therance
Nivyiza Kugisoma Icogitabu Kokizivye Coshika Kuntara?
18 Rusama 2017, 12:30, par phocas
nivyiza cane kuganir nukurekuriranira
19 Ruheshi 2017, 19:23, par SALVATORI
NIBAKIDUHE KUBUNTU TURAGISHIMYE
28 Mukakaro 2017, 05:41, par Tangishaka Ferdinand
WASHIZE IMBERE IMANA IKUGIRIRANEZA UBANDANYE USENGERA IGIHUGU IMANA YABARAGIJE!
18 Gitugutu 2017, 13:50, par NDAYISHIMIYE Dieudonné
Mama wacu arakunda gusenga kweli,natwe aze yame adusengera.
29 Kigarama 2017, 12:33, par joseph
nibyiza kandi nakunze gukurikirana ibiganiro byanyu ndetse n’ubutumwabwiza mu ijamboryimana numva nkeneye kumenya email yanyu ngonjye mbavugisha
21 Nyakanga 2018, 22:41, par Ndayishimiye elie
Imana ishishkare kubaja imbere na cane cane kubutumwa bwiza mutwigsha
3 Gitugutu 2018, 05:40, par Karangwa Timothee
Uyu Mubyeyi arasobanutse pe. Imana imuhe umugisha kandi ikomeze kumugwiriza ubwenge n’imbaraga mu izina rya Yesu, Amen.