Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
La Haye : Umwe mu barwanyi b’Ubuganda yumvirijwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > La Haye : Umwe mu barwanyi b’Ubuganda yumvirijwe

La Haye : Umwe mu barwanyi b’Ubuganda yumvirijwe

mardi 27 Nzero 2015

Dominic Ongwen Wai Wai, umwe mu bayobozi b’umuhari LRA (Armée de résistance du Seigneur) yumvirijwe muri sentare y’ i La Haye.

Uwo yari amaze iminsi aronderwa kubera ivyaha bikomeye vyo mu ntambara yakoze mu bihugu vya Ouganda na Centrafrika, Dominic Ongwen akaba yumvirijwe ubwambere n’umucamanza kuri uyu wa 26 Nzero mu gatondo. Dominic Ongwen yoba yari umwe mu bayobozi ba kimwe mu birindiro bikomeye vya LRA citwa Sinia, kandi yari umuntu yegereye cane Joseph Kony umukuru w’abo barwanyi bafatwa nk’intagondwa.

Dominic Ongwen yavutse mu mwaka w’1975, akavuga ko inyuma y’aho yaciye afatwa n’abarwanyi baramunyuruza, igihe yari afise imyaka 14 y’amavuko, ajanwa mw’ishamba, ubu akaba yari amaze imyaka hafi 27 ari mw’ishamba mu mihari irwana, iyogomvya ibihugu cane cane vya Kongo iharanira intwaro rusangi, Ouganda na Centrafrika.

Wai Wai rero akaba yagirizwa ivyaha 7 vyo mu ntambara harimwo icaha co kwica urw’agashinyaguro, ivyaha vyo mu ntambara, ubwicanyi budasanzwe, kugira abantu imbohe, hamwe n’ibindi. Ivyo vyaha vyose akaba yavyagirijwe mu mwaka w’2004, mu ntambara yagize mu gihugu c’Ubuganda. Urubanza rwiwe rero rukaba ruzosubira kwumvirizwa ku wa 24 Myandagaro uwu mwaka.


Aristide Nizigire

Messages

  • turasavye ko mwe mwanika inkuru mukirundi mwogerageza kudacanga indimi kuko usanga muriko mushiramwo francais bigatuma harivyo tudatahura

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.