IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > La Haye : Abarundi basavye ko amatora yoba mu mahoro

La Haye : Abarundi basavye ko amatora yoba mu mahoro

mardi 4 Munyonyo 2014

Amashirahamwe Intercontinental Partner & Partnerlink, CEDAC, Netherlands Institute for Multiparty (NIMD), hamwe na Foundation Max Van der Stoel (FMS) yahuriye ku munsi wa gatandatu mu kiganiro co kurabira hamwe uruhara rw’abarundi baba hanze, mu matora yimirije mu mwaka w’2015.

Muri iyo nama yari yatewe iteka n’uwuserukira igihugu c’Uburundi mubu Hollande, uwaserukiye ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubuhorande n’ayandi makungu, abarundi baba mu Buhorande no mu Bubirigi, abaserukiye abanya Hollande barangurira imirimo yabo mu Burundi, bariko barabira hamwe uruhara rw’abarundi baba hanze mu mwiteguro y’amatora meza abaye mu mahoro. Abarundi baba hanze y’igihugu basabwe kutaba ba sindabibazwa mu myiteguro y’amatora yimirije mu Burundi, ahubwo bagahamagarirwa guterera ivyiyumviro vyabo kugira amatora azobe mu mahoro, kuko arivyo bizotuma igihugu gitera imbere, n’abanyamitahe bahurumbire gukorera mu Burundi.

JPEG - 78.1 ko
Bamwe mubari bitavye iyo nama

Uwuserukira Uburundi mubu Hollande, Vestine Nahimana, yamenyesheje abasanzwe bafasha Uburundi ko Reta aserukira izokora ibishoboka vyose kugira amatora azobe meza, ahuza bose, kandi yo kumugaragaro. Yasavye uwuserukira ubu Hollande mu Burundi ko igihugu aserukira coterera agacumu k’ubumwe mw’itunganywa ry’amatora, Reta y’Uburundi nayo ikazokora ibishoboka vyose kugira hame ibiganiro hagati y’abanyeporitike.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.