IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Lambert NSABIMANA aranegura ingene abagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi (...)

Lambert NSABIMANA aranegura ingene abagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bafashwe

lundi 12 Gitugutu 2015, par egide

Umushingwamanza Lambert Nsabimana, umwe mu baburanira abagirizwa icaha c’ugushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza, amenyesha ko abo banyororo bafashwemwo mu buryo butubahiriza amategeko, agasaba ko urwo rubanza rwokurwa mu nzira.

Nk’uko bishikirizwa n’umushingwamanza Lambert Nsabimana, abanyororo bane muri abo bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bapfungirwa mu kumba kamwe k’imetero zitatu kuri zitatu, ako kumba nyene akaba ariko baheza bagakoresha nk’ubwiherero. Umushingwamanza Lambert Nsabimana akamenyesha kandi ko kugira umwe muri abo banyororo ashobore gusohoka hanze bisaba uruhusha rudasanzwe rw’abaporisi bacunze ubwo busho, ari nabo bafise imfunguruzo z’aho bapfungiwe. N’abaje kuramutsa abo banyororo bakaba batoroherezwa kubonana nabo.

JPEG - 34.6 ko
Umushingwamanza Lambert Nsabimana, umwe mu baburanira abagirizwa icaha c’ugushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza

Abo bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza bose bimuriwe mw’ibohero rya Gitega kw’itegeko rya Valentin BAGORIKUNDA, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi.
Kuva iyo ngingo ifashwe, umushingwamanza Lambert Nsabimana amenyesha ko vyaboneka ko hashobora gukurikira ukubapfungira mu kibanza ca bonyene, arivyo vyahavuye bikorwa. Inyuma y’aho abo banyororo bashiriwe mu kibanza ca bonyene, n’abaporisi bacunga iryo bohero baciye basubirizwa n’abandi bavuye mu ntara zitandukanye, n’umuyobozi w’iryo bohero Emmanuel NIYONKURU arakurwa mu kazi, asubirizwa n’umuporisi OPP 2 Félicien Ningaba. Amakuru ava mu begereye ubuyobozi bw’ibohero rikuru rya Gitega akamenyesha ko uwo Emmanuel NIYONKURU yoba yazize ko atorohereje abaporisi bari baje gushira mu ngiro ingingo y’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, yo gupfungira mu kibanza ca bonyene abanyororo 28 bagiriza gushaka guhirika ubutegetsi.

Umushingwamanza Lambert Nsabimana akabona ko inyuma y’izo ngingo zose hoba hari umugambi w’ugushaka gutera ubwoba n’ugutoteza abo bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza. Lambert Nsabimana asaba ubutungane bw’Uburundi ko bwonyarutsa ibijanye n’urwo rubanza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.